Share on:
Share on:
Kuva kur’no wa gatatu igenekerezo rya 9 Rusama 2018, abarundi biyandikishije kugira bazokwitabe amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro batanguye gutora amakarata y’itora aho biyandikishirije. Mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura no mu gihugu hagati, ico gikorwa catanguye. Igikorwa co gutora amakarata aranga uwutora catanguye kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 9 Rusama 2018, […]
Umurwi Messager Ngozi, ukukira ishuri ry’umupira w’amakuru Academie Le Messager, umenyesha ko utiteguye gukurikiza ikirangaminsi c’inkino zisigaye zo mw’ihiganwa ry’umupira w’amagru mu cicaro ca mbere, mu gihe cose imirwi bahiganwa na cane cane umurwi LLBS4 Afrika itazoba irakwiza inkino hamwe no kwubahiriza urutonde rw’inkino. Amakuru dukesha Elysé Niyubahwe wo mu gisata co kumenyesha amakuru muri […]
Imirwi nserukiragihugu y’umupira w’amaguru yo mu gihugu ca Uganda na Kenya y’abatarenza imyaka 17 niyo iza guhiganirwa ikibanza ca gatatu kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 28 Ndamukiza muri za nkino za CECAFA z’abatarenza imyaka 17, ziriko zibera mu Burundi. Urwo rukino rwo kurondera uwutahukana ikibanza ca 3 ruza kubera ku kibuga c’i Buye mu […]
Pierre NKURIKIYE vugira ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga Ibiza, amenyesha ko hari ubugizi bwa nabi busanzwe bwakorewe abana mu mezi aheze, ariko ubushikiranganji bwabuhagurukiye ubu bukaba bwaragabanutse. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga Ibiza, avuga ko ata muntu n’umwe aritura igiporisi akibwira ko hari umurwi utwara abana, akavuga ko ayo makuru afise intumbero yo guhungabanya umutekano w’abanyagihugu. […]
Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika kimenyesha ko gitewe impungenge n’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi, ategekanijwe kuwa 17 Rusama 2018. Umuvugizi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, amenyesha ko amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi atatunganijwe mu muco. Mw’itangazo rya Reta Zunze Ubumwe za Amerika ryo kur’uyu wa […]
Urwego rw’igihugu rugenzura ingene ibinyamakuru bikora CNC, rumenyesha ko naho amaradiyo BBC y’abongereza n’ijwi rya Amerika yahagaritswe kwumvikana mu Burundi, abamenyeshamakuru bayo bashobora kubandanya bakora umwuga wabo wo kumenyesha amakuru. Mw’itangazo ry’urwego CNC ryo kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 8 Rusama 2018, rumenyesha ko rwakiranye umubabaro ivyashikiye umumenyeshamakuru w’iradiyo Ijwi rya Amerika, mu ntara ya […]