Reta Zunze Ubumwe za Amerika zerekanye amakenga ku matora y’ibwirizwa nshingiro mu Burundi

 

Igihugu ca Reta Zunze  Ubumwe za Amerika kimenyesha ko gitewe impungenge n’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi, ategekanijwe kuwa 17 Rusama 2018. Umuvugizi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, amenyesha ko amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi atatunganijwe mu muco.

Mw’itangazo rya Reta Zunze Ubumwe za Amerika ryo kur’uyu wa mkabiri igenekerezo rya 1 Rusama 2018, umuvugizi wa Reta, Heather Nauert, amenyesha ko mw’ibwirizwa nshingiro rishasha rigiye kwemezwa canke guhakanwa, harimwo ingingo zidasiguye neza.

Muri izo ngingo, Heather Nauert, avuga nk’iyijanye n’ihindurwa ry’ingene ibiringo vy’umukuru w’igihugu bitunganijwe, agasigura ko iza guca hirya ibiri mu masezerano ya Arusha.

Muri iryo tangazo, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zibicishije ku muvugizi, zimenyesha ko ibwirizwa nshingiro rishasha riza gutuma inzego zishingiye ku ntwaro rusangi zitakaza inguvu.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zikamenyesha ko Reta y’Uburundi itegerezwa kwubahiriza uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro, bwo guhurira hamwe mu manama no mu mashirahamwe.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *