Abanyagihugu batanguye gutora amakarata aranga uwutora

 

Kuva kur’no wa gatatu igenekerezo rya 9 Rusama 2018, abarundi biyandikishije kugira bazokwitabe amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro batanguye gutora amakarata y’itora aho biyandikishirije. Mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura no mu gihugu hagati, ico gikorwa catanguye.

Igikorwa co gutora amakarata aranga uwutora catanguye kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 9 Rusama 2018, kizorangira kuw’Imana igenekerezo rya 13 Rusama 2018.

Umurwi w’igihugu wigenga utegura amatora CENI wari watanze ayo makarata ku barongoye imirwi itegura amatora ku rwego rw’intara CEPI, kuwa mbare igenekerezo rya 7 Rusama 2018.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 8 Rusama 2018, umuvugizi w’umurwi CENI, Prosper NTAHORWAMIYE, yavuze ko abantu 4.768.143 aribo bazokwitaba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *