rubanza rw’abasikirikare n’abapolisi 18 bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu

Urubanza rw’abasikirikare n’abapolisi 18 bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu, rwaraburanishijwe mu ntahe y’icese yo kuruyu wa mbere na sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura ishashe mw’ibohero rya Ngozi. Ababuranyi bamirira kure ivyo bagirizwa n’umushikirizamanza bakavugako nivyo afatirako basamvye mu gipolisi bavyemejwe n’amahiri nugusinzikarizwa ubuzima bidasanzwe. Basaba sentare ko itobikorerako mu ntumbero yo kubahiriza amategeko nyabuna bagafatira ku […]

Nkurunziza yateye igikumu kw’ibwirizwa nshingiro ritemewe na bose

Mu ngoro y’ikirimba c’umukuru w’igihugu iri mu ntara ya Gitega, Petero Nkurunziza yarateye umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha. Abamubonye na cane cane ku masanamu yaciye ku mboneshakure umwanya muto, vyaraboeka ko akanashijwe n’ukuguru kwiwe kw’ibubamfu aho biboneka ko akitswe n’amagara naho abo ku kirimba atanumwe acira amate hasi uko amagara yiwe yoba yifashe. Ico bikoze bamwe […]

Uko abapfungwa ba politike bafashwe mu Burundi na cane cane mwibohero rya Mpimba.

Abanyororo batanu bo mwibohero rikuru rya Mpimba bamaze imisi ine bapfungiwe mu vyumba vyikosorero.Bafashwe ku musi w’Imana bari kumwe n’abandi banyororo mu rugendo rw’isakaramentu ryeranda. Muri kino gihe baguma baburabuzwa n’abandi banyororo bita aba securite. Bagenzi babo bafise amakenga ku mutekano wabo kuko n’ibifungurwa babironswa bigoranye. Abo banyororo ni : -Nathal Ndayongeje -(uwitwa) amiable -(uwitwa) […]