rubanza rw’abasikirikare n’abapolisi 18 bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu

Urubanza rw’abasikirikare n’abapolisi 18 bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu, rwaraburanishijwe mu ntahe y’icese yo kuruyu wa mbere na sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura ishashe mw’ibohero rya Ngozi. Ababuranyi bamirira kure ivyo bagirizwa n’umushikirizamanza bakavugako nivyo afatirako basamvye mu gipolisi bavyemejwe n’amahiri nugusinzikarizwa ubuzima bidasanzwe. Basaba sentare ko itobikorerako mu ntumbero yo kubahiriza amategeko nyabuna bagafatira ku imburano zabo.

 

Urubanza rwabo basirikare rwatanguye isaha umunani y’umuhingamo, mu ntahe y’icese imbere ya sentare isubiramwimanza ya Bujumbura ; ishashe mu nyubakwa ziri imbere y’ibohero rya Ngozi. Abo basirikare n’abapolisi bose uko ari 18 bari barengutse. Umukuru w’intahe yabanje kubanyesha ko naho nabonyene bunguruje urubanza ko n’umushikirizamanza na we nyene yabungururije. Ababwirako yagaye ibihano baciriwe na sentare y’igihugu ya Mukaza ku vyaha yabagiriza bitatu. Ivyo navyo ni ukwifatanya n’imirwi irwanya ubutegetsi, guhungabanya umutekano w’igihugu no gutunga ibirwanisho batabifitiye uruhusha. Imbere ya sentare isubiramwimanza ya Bujumbura ababuranyi umwe umwe ukwiwe mw’ido n’ido barahakanye ivyo bagirizwa aho bavugako ari irementanya bakorewe bongera bavyemezwa n’igipolisi n’iperereza babanje kuborezwa igufa. Abo baburanyi bari kumwe n’ababunganira imbere y’intahe, baca bagirako basaba sentare ko itokorera kuri ivyo vyegeranyo ko nyabuna yokorera ku mburano zabo nkuko amategeko abitegekanya. Ababunganira imbere y’intahe bavuze ingingo 210 y’itegeko mpanavyaha yo mu mwaka 2017 , hamwe n’ingingo ya 251 akarongo ka kabiri y’igitabo kigenga uko imanza z’ivyaha zitohozwa zikongera zikaburanishwa. Iyo nayo ivugako “iyo umucamanza inyuma y’amatohoza asanze ivyagiriji vyabonetse ku gahato canke mu kuboreza igufa uwagirizwa icaha, ko bidashobora gufatwa nkivyemezo imbere ya sentare. Umushikirizamanza yasozereye imburano asabira umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwabo bwose abo baburanyi. Abo nabo bari kumwe nababunganira imbere y’intahe basavye sentare ko yobacira urubereye ikabeza mbere bakaronswa n’umukando. Tubibutseko abo basirikare n’abapolisi bafashwe inyuma y’igandagurwa rya adjudant Eddy Claude NYONGERA mu biro vy’i perereza i Bujumbura, muri nyakanga umwaka 2016. Abatari bake muri bo bakaba baraborejwe igufa imbere yo kujanwa mwibohero. Sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura yaciye ishira urwo rubanza mu mwiherero rukazosomwa inyuma y’ukwezi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *