Umusirikare w’intwazangabo w’umurundi yaraye apfiriye mu gihugu ca Somaliya

Uwo musirikare w’intwazangabo y’ipete rya lieutenant yapfiriye ku kirindiro yarasanzwe akorerako kiri ahitwa GERSAL ku birometero 40 uvuye ahitwa JOAR. Izina ryiwe ni Lieutenant Alain Ntakirutimana, akaba yari muri bataillon ya 49 ya AMISOM. Amakuru ava mu barongoye i contingent y’abarundi iri mu gihugu ca Somaliya mu rwego AMISOM rw’ubumwe bwa Afrika, avuga ko iyo […]

Reta ya Tanzaniya yiteguriye gutahukana impunzi z’abarundi ku nguvu.

Impunzi z’abarundi ziri aho mu gihugu ca Tanzaniya bahamagarigwa kwiyandikisha ku ntonde z’abashaka gutahuka mu Burundi,atari uko naho bazobatahukana ku nguvu. Emmanuel Maganga ,buramatari w’intara ya Kigoma mu nama yagirishije kuwa gatatu uheze yabwiye impunzi z’abarundi ko bategerezwa gusubira iwabo. Aca ababwira ko amahoro yiraye mu Burundi. Uwo mutware yarifatiye mu gahanga amashirahamwe akorera mu […]

Abarwayi baridoga ko batakirwa neza ku bitaro bikuru vy’i Gitega.

Ivyo bitaro vyakira abarwayi batari bake bavuye mu mihingo itandukanye y’igihugu na cane cane abo hagati no mu buseruko bw’uburundi.  Ivyo bitaro bifise abaforma n’abaganga batari bake, mbere hakaniyongerako abaganga baba chinois bafasha kuvura indwara z’amaso no kubaga. Amakuru dukura mu barwayi baja kwivuriza kuri ivyo bitaro avugako bahura n’ingorane zitandukanye zo kwakirwa nabi. Kuvuza […]

Umutekano w’umwigisha Pierre Hasabumukiza urageramiwe.

Umwigisha Pierre Hasabumukiza wo kwishure shingiro rya Kajeke muri Komine n’intara ya Bubanza arageramiwe n’imbonerakure. Uwo mwigisha azira ko yashize ahabona ubusuma bw’ikibazo ca reta bwariko bubera ahitwa mu Mitakataka  akaba yari mu bari batowe ngo bacungere ico Kibazo. Iryo totezwa ririko rikorerwa Pierre Hasabumukiza umwigisha wo kwishure nshingiro rya Kajeke mu ntara ya Bubanza, […]

Ibirombwe vyimbwamwo inzahabu vyarihaye inkumbi.

Abantu batatu barahitanywe mu ntango ziyi ndwi n’imanga zibomoka mu birombwe vy’imbwamwo ubutare mu makomine ya Kabarore na Butihinda ari mu ntara za kayanza na muyinga. Abo bantu baguweko n’umusozi kur’uyu wambere,  babiri bazwi ku mazina ya Mugisha Gervais na Niyongabo bo muri Komine Kabarore mu ntara ya Kayanza.abanyagihugu baho I kabarore bavuga ko bariko […]

Ubwicanyi i Gitega ku Mubuga.

Umutamakazi w’imyaka irenga 60 yarishwe atuririwe mu nzu ku mutumba Kimanama wa zone Mubuga ya komine n’intara ya Gitega. Ivyo vyabaye mwijoro ryo kuwamungu ushira uwa mbere bikozwe n’abagizi ba nabi nubu bataramenyekana. impene ziwe nazo nyene zikaba zarahaitanywe nuyo muriro. Amakuru avaho ku Mubuga avugako ubwo bubisha bwoba bufitaniye isano nivyo kwemera ibintazi n’amarozi. […]

ntare.org

Urundandazwa rw’abantu bajanwa mu bihugu vy’abarabu rwasubiye kuvugwa mu Burundi.

Abantu 14 barimwo abigeme 12 n’abahungu 2; baraye bafatiwe ku Mugina wa Mabanda mu ntara ya Makamba, ku  rubibe rw’uburundi na Tanzaniya. Amakuru ava mu gipolisi avugako boba bari bajanywe kundandazwa mu gihugu ca Oman. Muri kino gihe bakaba bapfungiwe mu gasho k’inyamiramabi i Makamba. Abo bantu bafatiwe ku Mugina muri komine Mabanda y’intara ya […]

Ubutunzi bw’ishirahamwe Sosumo bugeze aho umwansi ashaka.

Imilioni 12 z’amafranga y’amarundi niyo ishirahamwe sosumo ritakaza uko ukwezi gutashe. Imisi yose kuwaganu abategetsi indwi b’ishirahamwe Sosumo baca batekera bagana igisagara ca Bujumbura aho bavugako baba bagiye kuramutsa imiryango yabo. Abo bayobozi uretse amafranga y’impamba bitekera amamodokari bagiyemwo bagenda bayujuje igitoro. Ivyo biruko mu gihe ubutunzi bw’ishirahamwe bugeze ahatemba mbere abakozi bakaba baratswe uburusho […]

COMESA isaba amakungu kugarukira ku barundi bageramiwe na kigoyi

Umunyamabanga mukuru wa Comesa, Sindiso Ndema Ngwenya, yabonanye na Perezida w’Uburundi Pierre Nkurunziza i Bujumbura mu kwezi kwa mbere 2018 Abakuru b’ibihugu vy’umuryango w’isoko rusangi ku bihugu vyo mu buseruko no mu bumako bwa Afrika basaba amakungu kugarukira ku barundi bageramiwe na kigoyi. Bavuga ko ku kibazo c’umutekano muri kino gihe hari agahengwe. U Burundi […]