Icibutso co kubiba urwanko n’amacakubiri

Icibutso c’ihonyabwoko ryakorewe abahutu mu mwaka w’1972, nta numwe kidatera ubwoba n’amakenga. Cubatswe mu gasoko gasa n’imburamazi ka Nyambeho muri komine Giheta mu ntara ya Gitega. Ku birometero nka munani uvuye mu gisagara ca Gitega ugana i Bugarama mu ntara ya Muramvya kw’ibarabara ry’i gihugu nomero zibiri. Inyandiko ziri kuri ico cibutso akaba ari izikabura […]

Inama nkuru y’umutekano yaraye ihagaritse amashirahamwe yose ategamiye reta akorera mu Burundi mu kiringo c’amezi atatu.

Iyo ngingo yasomwe mw’itangazo ry’inama nkuru y’umutekano ryaciye kuri radio na televiziyo vy’u Burundi ku mugoroba wo kuruyu wa kane. Rikaba ryasomwe na lieutenant general Silas Ntigurirwa umunyamabanga mukuru w’inama y’umutekano. Ayo mashirahamwe yahagaritswe mu kiringo ca mezi atatu ingongo izotangura kuja mu ngiro mu ntango z’ukwezi kw’10 buca dutangura. Ku bw’iyo nama y’umutekano mu […]

Akamuna muri radio ISANGANIRO: ikiganiro c’ikibiriraho kirugarwa kidaheze n’abakozi bo ku kirimba c’umukuru w’igihugu

Abapolisi baje kuri bubiri baje kugara ikiganiro kiriko gica kuri radio isanganiro ikibiriraho kijanye n’ibiganiro hagati yaberwa n’amatati ari mu Burundi bimaze imisi bibera Arusha bihagarikiwe n’akarere. Ikiganiro cari catunganijwe n’urunani rw’ama radio Isanganiro, Rema FM hamwe na groupe de presse IWACU, ikaniro cashobotse ku mfashanyo z’ikigo la benevolencia Grands Lacs. Abaraho bavuga ko bumvise […]

Ubusuma bw’ibikoresho vy’abasirikare ba Amisom igitangaje hiruka uwibwe

Abasirikare b’u Burundi bari kugarukana amahoro muri somaliya bari muri bataillon ya 48 baridoga ko ababatwara bariko babacura bufuni na buhoro. Ivyo babivuga bafatiye kukugene bariko bakwa amaterefone yabo ngendanwa ngo baje gu suzuma aboba baratanze amakuru i Bujumbura y’inyuruzwa ry’igitoro cari kigenewe abo basirikare. Abasirikare b’abarundi bari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro muri Somaliya […]

Ikarashishi ikorwa n’imbonerakure irateye ubwoba abanyagihugu muri komine Mutaho y’intara ya Gitega

Urwaruka rw’umugambwe mu CNDD-FDD imbonerakure kuw’Imana uheze bazindukiye mwikarashishi. Ivyo bamwe mu babona nk’imyimenyerezo gisirikare. Urwaruka rwambaye amapatalons yirabura n’udupira dutukura. Amabara asanzwe ari mu yaranga ibendera ry’umugambwe CNDD-FDD. Batambukana inguvu bagenda bavyina imvyino zibiba urwanko n’amacakubiri. Umuntu yarashobora kumva ngo hongora injavyi, n’ibindi. Iryo karashishi ryarateye umutima uhagaze bamwe mu bacitse kw’icumu mu rwimo […]

Ukunyuruza abantu bakagenda mazimayonko vyasubiye kuba ndanse mu Burundi

Inyuruzwa ry’abantu twofata ko ari ukubanyitsa vyafashe umurindi udasanzwe muri ino misi mu Burundi. Kuva mu ndwi yahera harabuzwe Brigadier Theophile Nibitanga yari aherutse kuringikwa gukorera mu Cibitoke akuwe ku rubibe rw’u Burundi na Tanzaniya muri komine Mabanda ahitwa ku Mugina. Brigadier Nibitanga akaba ari mu bahoze mu gisirikare ca kera ex Fab. Uwakabiri ni […]

Ubukene bw’amazi nugucika kw’amatara birateye isibe mu Rumonge

Abanyagihugu bo mu ma karitiye ya Mugomere,Teba, Kanyenkoko,Birimba na Nkayamba yo mu gisagara ca Rumonge bavuga ko badaherutse n’ima ry’amazi haraheze imisi itanu irenga. Ico igisagara kimaze imisi igera ku mezi atatu amatara aja aracika. Amazi meza agurwa hagati y’amafranga 300 n’a 400 kwibidon y’amalitiro20. Abagendesha amakinga bakaba bagenda kuyavoma ku bilometero birenga bitanu uvuye […]

Onelop Burundi isaba leta y’ u Burundi gusubira gukorana n’umurwi wa Onu uraba ivy’agateka ka muntu ibiro vyabo bisubire kwugururwa mu Burundi

Mu ntumbero yo kurwanya impari ziri hagati ya reta y’u Burundi n’umurwi wa onu ujejwe agateka ka zina muntu kwisi Gilbert Becau NJANGWA asaba reta y’u Burundi gusubira kugurura ibiro vy’umurwi w’agateka kazina muntu mu Burundi. Ivyo biro bikaba vyugawe na reta y’u Burundi mu mpera z’umwaka 2015. Avuga kandi ko umurwi w’amatohoza wa ONU […]

Abasirikare n’abapolisi bitwaje ibirwanisho vya rutura bashizwe ku rubibe rw’u Burundi na Congo mu Rugombo mu ntara ya Cibitoke

Amakuru ava mu nzego zarungitsweyo avugako biteze igitero gishobora kuza kivuye mu gihugu ca repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo mu gice kibamwo abafurero. Bagakeka ko umwanya uwariwo wese bashobora kujabuka uruzi rusizi. Abanyagihugu baba muri Mparambo ya 2 bavugako umwe mubasirikare yababwiye ko bomera magabo ngo kuko muri ino misi ibintu bishobora gukomera. Bamwe […]