Icibutso c’ihonyabwoko ryakorewe abahutu mu mwaka w’1972, nta numwe kidatera ubwoba n’amakenga. Cubatswe mu gasoko gasa n’imburamazi ka Nyambeho muri komine Giheta mu ntara ya Gitega. Ku birometero nka munani uvuye mu gisagara ca Gitega ugana i Bugarama mu ntara ya Muramvya kw’ibarabara ry’i gihugu nomero zibiri. Inyandiko ziri kuri ico cibutso akaba ari izikabura […]