Kuba yibagiye igikoropesho kw’ishure” ico akaba arico catumye umwigisha azwi kw’izina rya Matthieu MBARUSHIMANA ahana mu gukubita umunyeshure wiwe Cedric BIGIRIMANA

Kuba yibagiye igikoropesho kw’ishure” ico akaba arico catumye umwigisha azwi kw’izina rya Matthieu MBARUSHIMANA ahana mu gukubita umunyeshure wiwe Cedric BIGIRIMANA gushik’aho igiti c’umugongo ciwe kihasinzikarira kikavunika,nyuma y’indwi akabona kuhasiga ubuzima kubw’iyo mvo. Cedric yar’umunyeshure wo mu mashure mato mato mu mwaka wa 5 akaba yarafise imyaka 12 akomoka mu ntara ya Gitega comine Bihanga. […]

Ibiganiro vy’iy’Arusha ngo bibandanije uko biri ntaco umuntu yovyitegako ivyo bikaba bishikirizwa n’umuhinga mu vya politike akaba n’umwigisha muri kaminuza Julien NIMUBONA .

Uyo avuga ko kubona umuhuza ubwiwe Yoweli Kaguta MUSEVENI atarabihagarikira kandi ariwe ashobora gufata ingingo biri no mu bituma ivyo biyago bidater’imbere ariko agasaba impande zose kureka kudadaza  kuko ata mwumvikano  n’amasezerano yohaba hagati yabo boheza bagakorerako . Ati kandi uravye ibiringo ingene bimeze yaba ishirahamwe mpuza makungu ONU, ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika urabona ko […]

Ibiganiro ku ncuro ya gatanu biriko biraba; reta,CNDD-FDD n’abo bacuditse ntibavyitavye

Mu biganiro bimaze gatatu bihuza abatavuga rumwe na reta bari mu Burundi nabari hanze y’uburundi barumvikanye ku rwandiko rwashikirijwe ibiro vy’umuhuza. Urwandiko ariko rukiri mw’ibanga. Amakuru dukura muri bamwe mu bagiye i Arusha avuga ko uko ibintu bimeze muri kino gihe ngo hari ibintu bidashobora guhara mu bisabwa n’abatavuga rumwe na reta. Ivyo navyo ahanini  […]

Uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu Onu mu vy’agateka ka zina muntu Michel Bachelet, avugako yababajwe cane n’imvugo y’uwuserukira u Burundi muri Onu

Uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu Onu mu vy’agateka ka zina muntu Michel Bachelet, avugako yababajwe cane n’imvugo y’uwuserukira u Burundi muri Onu Umukomiseri mukuru mu vy’agateka ka muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu Onu, Michel Bachelet avuga ko imvugo ya Albert Shingiro aserukira u Burundi muri Onu ari imvugo yo gucokorana kandi idashobora kwihanganirwa. Ivyo akaba yabivuze mu nama ya Onu […]

Abatavuga rumwe na reta hamwe n’amashirahamwe atarwanira ivyicaro muri politike mu Burundi,baranse ko imitahe mpuzamakungu barungikwe yovunjwa ikigongwe ku bariko bakurikiranwa na sentare mpuzamakungu.

Abatavuga rumwe na reta hamwe n’amashirahamwe atarwanira ivyicaro muri politike mu Burundi,baranse ko imitahe mpuzamakungu barungikwe yovunjwa ikigongwe ku bariko bakurikiranwa na sentare mpuzamakungu. Mu rwandiko rwashikirijwe ibiro vy’umuhuza abatavuga rumwe na reta hamwe nabo mumashirahamwe yigenga bavuga ko banse ko imitahe barungikiwe n’ubucamanza bw’u Burundi yoba icitwazo mu kubuza ko sentare mpuzamakungu ikurikirana abariko […]

Ishirahamwe rihamagarira abarundi guhidandura ingendo no guc’urwevu PARCEM rihamagarira abegwa bose n’ibibazo vya politike

Ishirahamwe rihamagarira abarundi guhidandura ingendo no guc’urwevu PARCEM rihamagarira abegwa bose n’ibibazo vya politike gushir’imbere indongozi zizigiwe na bose mu matora y’umwaka w’I 2020 twimirije. Uwurongoye iryo shirahamwe Faustin NDIKUMANA abona ko kuba igihugu cama mu ndyane za politike bituma abarwizatunga  bagabanya umwizero mu kuzana imitahe yabo mur’ico gihugu; Faustin NDIKUMANA amenyesha kandi ko inzego […]

Bamwe mu bategura imivyaro y’ivyamwa bava mu ntara za kayanza, bubanza, cibitoke ,Muramvya, karusi et makamba bazindutse barugariza ibiro vy’umuhuza w’abarundi.

Bamwe mu bategura imivyaro y’ivyamwa bava mu ntara za kayanza, bubanza, cibitoke ,Muramvya, karusi et makamba bazindutse barugariza ibiro vy’umuhuza w’abarundi. Umwe mu barongoye abo bantu avuga kw’ikibazo bafise kimaze igihe kinini, imyaka ishika 7 kitaratorerwa inyishu. Rero basaba Leta kubariha amafaranga y’imivyaro y’ivyamwa batanze mu mwaka wa 2011 iciye amafaranga arenga 4.600.000.000 y’amarundi. Uwo […]

Abantu12 barishwe n’abagwanyi mu gice ca Rwenzori muri Beni mu ntara ya Kivu yo mu Buraruko muri RDC

Abantu 12 barishwe n’abarwanyi mw’ijoro ryo ku wa 20 Gitugutu 2018, i Beni mu Ntara ya Kivu yo mu buraruko, muri Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo. Raporo yatangajwe n’uwutwara Komine Rwenzori n’amashirahamwe yigenga sosiyeti Sivile, berekanako inyuma y’ubwo bwicanyi bw’ikivunga, abantu bagize imyiyerekano biyamiriza ubwo bwicanyi bubandanya kuba aho muri Beni. Nk’uko iradiyo Mpuzamakungu […]

Rugombo mu Cibitoke ni mu buraruko bushira uburengero abanyagihugu barara ntibuca batinya guterwa n’abarwanyi

Abanyagihugu bo ku Mparambo ya 2, Rukana et Rusiga muri commune Rugombo, hahana urubibe n’igihugu ca Congo, barara ntibuca kugutinya I itero vy’abarwanyi boza bava mu gihugu ca Congo. Amakuru ava aho mu Rugombo avugako abapolisi, abasirikare n’urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD,bamanutse ku nkengera z’uruzi Rusizi bitwaje ibirwanisho bikomakomeye harimwo n’amahiri. Ngo biteguriye kwivuna abarwanyi bashobora […]

Umukuru w’urwego CNC  Nestor BANKUMUKUNZI ariko aragirisha inama

Umukuru w’urwego CNC  Nestor BANKUMUKUNZI ariko aragirisha inama abarongoye ibisata bitandukanye vyo kumenyesha amakuru, mu ntumbero yo kurabira hamwe ingene ibikorwa vyaranguwe muri aya mezi atatu aheze. Mw’ijambo ryo kwugurura ivyo bikorwa Nestor BANKUMUKUNZI yavuze kw’iyo nama iri mu rukurikirane rwo guhanahana ivyiyumviro kugira ngo birinde kw’amakosa yakozwe muri kahise asubirwamwo.   Yashimye ingene abamenyesha […]