Kuba yibagiye igikoropesho kw’ishure” ico akaba arico catumye umwigisha azwi kw’izina rya Matthieu MBARUSHIMANA ahana mu gukubita umunyeshure wiwe Cedric BIGIRIMANA gushik’aho igiti c’umugongo ciwe kihasinzikarira kikavunika,nyuma y’indwi akabona kuhasiga ubuzima kubw’iyo mvo. Cedric yar’umunyeshure wo mu mashure mato mato mu mwaka wa 5 akaba yarafise imyaka 12 akomoka mu ntara ya Gitega comine Bihanga. […]