I Bukinanyana mu ntara ya Cibitoke, abimba inzahabu barishwe barashwe n’abasirkare bariko barakizura mu kibira

Ivyo vyabereye ku mitumba ya Ruhembe na Kibaya muri zone Ndora muri komine Bukinanyana Abapfuye bose bagirizwa kuja gucukura ubutare mu kibira kandi ataruhusha bafise. Umwe mu basirikare bakorera mu kibira avugako basanze bariko barimba baca barabarasa hapfamwo 14 abandi batungwa nayo bameze. Gushika ku muhingamo wo kuwa kabiri uheze, hari abatari bwashingurwe. Bamwe mbere […]

Imigambwe FRODEBU na UPRONA ngw’irashimye ingingo yo kwugurura kandi urabanza rw’ubwicanyi bwa Melchior NDADAYE.

Umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU ashikiriza kw’iyo ngingo igiye gufasha mu kumenya ukuri. Pierre claver NDAYICARIYE avuga ko umugambwe wari warasavye cane kw’urwo rubanza rwosubira kwugururwa kuko vyaboneka ko abafashwe bose ubwa mbere bagirizwa ayo mabi bari abasirikire bato bato bitashobora kwumvikana ko aribo boba babiteguye. Ati barashimye ko umushikirizwa manza wa republika yitavye akamo kabo […]

Ivy’urubanza rw’abagirizwa urupfu rwa Ndadaye birasubiye kuvyura umugara

Abasirikare bane b’intwazangabo zakukurutse bahoze mu gisirikare ca kera FAB bazindutse bahagarikwa agasakisaki mu gitondo co kuruyu wa gatandatu. Ihagarikwa ryabo ngo rifitaniye isano n’urubanza rw’abagirizwa igandagurwa ry’umuhisi prezida Melchior Ndadaye nkuko birimwitangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’ubutungane ku mutaga wo kuruyu wa gatandatu. Abasirikare bafashwe ni Generali yakukurutse Celestin Ndayisaba batazira Kibadashi yafatiwe ku rugo iwe […]

Pierre claver NDAYICARIYE yahora arongoye umurwi wo gutegura amatora CNI niwe yatowe n’inama nshingamateka kurongora umurwi ujejwe ukuri no kunywanisha.

Ubushikiranganji bw’inama nshingamateka mu Burundi bukaba bwazindutse butora umurwi w’abantu 13 bagiye kuzezwa amabanga y’ukuru no kunywanisha CVR ivyo bikaba vyemejwe n’umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA. Uyo murwi ukaba ugizwe n’abahutu 7, abatutsi 5,n’umutwa 1 nkuko yabimenyesheje ,Pierre claver rero akaba yatowe ngo asubirire musenyeri Jean Louis NAHIMANA yararongoye uyo murwi mu kiringo c’imyaka 4 […]

Ubumwe bwa afrika busaba ko horungikwa mu Burundi umurwi w’abahinga bokora amatohoza, leta y’u Burundi nayo isabwa kuvyemera

Abahinga ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika basaba ko borungikwa mu Burundi bimwe muvyo bazoba bajejwe harimwo kwaka ibirwanisho imirwi yose ivuga yaba iyegamiye reta n’abayirwanya. Iyi ngingo ikaba yafashwe kuwa mbere uheze ubumwe bwa Afrika bugasaba reta y’u Burundi kwemera irungikwa ry’abo bahinga. Amasezerano reta y’uburundi ihamagarirwa guterako igikumu ni ayo kuva mu mwaka w’2016. Akaba […]

Kur’uyu wa kabiri harakozwe inama y’abajejwe intwaro n’abarongoye itumatumanako ry’amakuru. 

Umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru yemeza ko inama ziriko zihuzwa abajejwe intwaro n’abarongoye ibinyamakuru zigiye kugira ico zihinduye mu guhanahana amakuru mu Burundi Frederick NAHIMANA avuga ko hamaze kwibonekeza ko hariho abadatanga amakuru bivuye kuvyo iyo mice ibiri idahurizako,ivyo yabivuze mu nama yo kur’uyu wa kabiri yatunganijwe n’ubwo bushikiranganji mu ntara ya Ruyigi. Ubushikiranganji bw’intwaro bukaba […]

Igipolisi gicungereye ikambi y’impunzi z’abarundi ya Mulongwe muri repubulika iharanira democratie ya Congo kiri muri yegereyegere

Haheze imisi ibiri abarundi bahungiye mwikambi ya mulongwe batabona abapolisi ku birindiro bahorako. Vyagaragaye neza mu gitondo co kuruyu wa kabiri uheze aho abarundi bahungiye muri iyo kambi ya Mulongwe bamenya ko abapolisi bahora bacungereye ikambi ya Mulongwe babamwo bari muri yegereyegere kubera bamaze amezi arenga atatu bataronswa agahembo kabo. Abo bapolisi bidoga ko komite iraba […]

Abateshejwe izabo baba muri site ya ruhororo barageramiwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD

Abarongoye komine Ruhororo n’abarongoye umugambwe CNDD-FDD muri iyo komine bavugako  iyo site ibamwo abatavugarumwe n’ubutegetsi, ngo vyongeye ni ikibuga co kwinjiza imirwi y’abarwanyi. Iyo site ngo ntigikwiye kuba iriho kuko hose ari amahoro nkuko bivugwa n’umwe mu bajejwe intwaro. Uwo mutware yavuze kandi ko iyo kambi yosamburwa imbere y’umwaka w’2020, ngo kuko ibamwo abantu b’ubwoko […]

Ibihano bikomeye bigiye gufatirwa ibihugu biri mu muryango w’ubumwe bwa Afrika bidatanga intererano canke biteba kuyitanga

Ibihano bikomeye bigiye gufatirwa ibihugu biri mu muryango w’ubumwe bwa Afrika bidatanga intererano canke biteba kuyitanga, ivyo bikaba biri mu vyizwe mu nama idasanzwe y’abakuru y’ibihugu bigize uyo muryango yabaye mu mpera z’indwi irangiye i Addis-abeba ku musi wa gatandatu ihera kur’uyu w’Imana Mur’iyo nama yo kwiga itunganywa rishasha y’umuryango w’ubumwe bwa Afrika hafashwe ingingo […]