Mu Burundi, uburenganzira bwo gusenga burageramiwe.

Mu ntara ya Ngozi, abakozi ba reta bategetswe kuja mu gikorane categuwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu. Bakavuga ko biteye kubiri n’amategeko kuko umuntu wese asengera aho ashaka. Ico gikorane categuwe n’umukuru w’igihugu kiriko kibera i Buye muri komine Mwumba y’intara ya Ngozi. Kuva kuwagatatu uheze. Abakozi ba reta bategetswe kuja muri ico gikorane. Bo bavugako ari […]

Havugwa imbonerakure yarashwe n’umupolisi i Matana mu ntara ya Bururi

Elias Ntakarutimana ni ryo zina ryuwo mukuru w’imbonerakure ku mutumba Nyagihotora muri komine Matana mu ntara ya Bururi mu bumanuko bw’u Burundi; yarashwe n’umupolisi arongoye ikirindiro kiri kuri uwo mutumba aca aracikana. Ivyo vyabaye ku mugoroba wa Noel. Uwamurashe ni igisongerezi mu gipolisi Simon Ndayikengurukiye, akaba yaciye ahagarikwa ubutarariye. Ico gisongerezi c’intwazangabo mu gipolisi akaba […]

Ubukene bw’igitoro mu Burundi buratuma bamwe baja kukirondera hakurya y’amazi

Abafise amamodokari bahitamwo kuja kugura igitoro hakurya y’urubibe. Bamwe mu banyagihugu bo mu Cankuzo bavugako bamwe mu bantu bo mu cankuzo mu buseruko bw’u Burundi, bagenda mu gihugu ca Tanzaniya akaba ariho banywesha igitoro ivyo biri uko no bindi bice vy’igihugu. Haheze indwi nyinshi mu ntara ya Cankuzo hatagira igitoro. Muri kino gihe babagikeneye baja […]

Ubumwe bwa bulaya bwatanze imiliyoni zitanu z’amafranga y’amanya bulaya yo gufasha impunzi z’abarundi

Umurwi w’ubumwe bwa bulaya watanze amafranga y’amanyabulaya angana imiliyoni zitanu zo gufasha vyihutirwa impunzi z’abarundi ziri mu bihugu vyo mu karere. Mwitangazo ryasohowe n’umurwi w’ubumwe bwa bulaya iryo shirahamwe ryatanze mu mwaka uruko uriterera wa 2018 imiliyoni zigera kuri 13 zo gufasha impunzi z’abarundi. Ubumwe bwa bulaya buvugako akarere kugarijwe n’ibibazo vy’impunzi z’abarundi bisa nivyibagirwa […]

Umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu ati burya har’ibinyamakuru vyihaye umugambi wo gucafuza u Burundi. 

Ati kubona BBC yarashoboye gushira ku mugaragaro amasanamu ata kuri afise vyoshoboka kuba ar’intumbero ya bamwe bipfuza gukoka amahanga ngo baze barwanye u Burundi n’ababutwaye ,bagaca babicisha mur’ivyo binyamakuru. Arongera ati ivyo bitwibutsa ivyigeze kuba mu kinyamakuru citiriwe France 3 aho bavuga ko itsembabwoko ryasubiriye mu Burundi, ngo imbonerakure ziriko zirica abantu I karusi. Mu […]

Abanyeshure bo muri komine rwasanga mu ntara ya Bururi ngo bagiye mu buruhuko badahawe amanota ku kudahuza kw’abigisha n’umuyobozi. 

Amakuru atangwa na bamwe mu bavyeyi barereye kuriryo shure rya lycée communal rwasanga bavuga ko abana babo ata mwimbu w’igice ca mbere c’umwaka w’ishure bamenyeshejwe, Ndayikengurukiye Sammuel ajejwe commité nshinrwashure aravyemeza. Uyo agashikiriza ko vyatumwe n’uko ubuyobozi bw’indero muri komine no mu ntara hamwe n’urwego rw’indero kuri lycée communal rwasanga badasoma kumwe . Bikaba vyavuye […]

Ubwoba ni bwinshi mu banyagihugu baba mu micungararo y’ikibira

Abanyagihugu baba mu makomine ya Bukinanyana, Mabayi, Kabarore na Muruta mu ntara za Kayanza na Cibitoke ubwoba ni bwinshi cane kubera abasirikare benshi barungitswe aho mu kibira batari bamenyerewe be n’abandi bantu. Vyose vyatanguye ku musi wa gatatu aho abanyagihugu bo muri zone Bumba babona abantu bitwaje ibirwanisho kandi bavuga ururimi rw’ikinyarwanda baca muri ako […]

Aba scouts b’Abaganda bankiwe kwinjira mu Burundi

Aba scouts bo mu Buganda bari baje mu Burundi mu bikorwa vyamahiganwa yaba scouts bo mu Karere ka Afrika y’ubuseruko yari kubera igitega reta y’uburundi yarabankiye kwinjira mu Burundi. Abo ba scouts bari bagizwe n’abana bafise hagati y’imyaka 7 na 17 bari mu ma bus atanu bageze i Kobero barankiwe gushika mu Burundi. Inyuma y’urugendo […]

Inzego zo kwivun’abansi n’umutekano zipfurije umwaka mwiza w’amavuko umukuru w’igihugu c’u Burundi. 

Nkuko bizwi uno wa kabiri itariki 18 niho umukuru w’igihugu c’u Burundi yahimbaza umunsi mukuru w’amavuko yiwe, abagize inzego zo kwivun’abansi zikaba zahimbaje uwo musi nzongera zipfuriza umwaka mushasha mwiza wa 2019 umukuru w’igihugu n’umuryango wiwe. Ivyo birori bikaba vyabereye aho bita kuri cercle hépyque. Bimwe mu bibazo abo barongoye izo nzego bashikirije ni nk’ikijanye […]