Mu ntara ya Ngozi, abakozi ba reta bategetswe kuja mu gikorane categuwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu. Bakavuga ko biteye kubiri n’amategeko kuko umuntu wese asengera aho ashaka. Ico gikorane categuwe n’umukuru w’igihugu kiriko kibera i Buye muri komine Mwumba y’intara ya Ngozi. Kuva kuwagatatu uheze. Abakozi ba reta bategetswe kuja muri ico gikorane. Bo bavugako ari […]