Igipolisi co mu ntara ya Karusi cari cafunze mu kiringo c’iminsi itanu abigisha bose bo mu mashure nshingiro ya kigozi ya mbere na kigozi ya kabiri. 

Hari haciye iminsi itanu igipolisi gifunze abigisha bo mu mashure nshingiro yo muri komine ya gitaramuka intara ya Karusi, abo bigisha bose bahora mur’ako gasho iyo minsi itanu bakaba babonye kubohorwa ku musi w’ejo haheze. Ivyo vyavuye mu nama abayobozi b’ayo mashure bagiranye n’abigisha kur’uyu wa mbere basubiye ku kazi kabo ka minsi yose, aho […]

Imyaka itandatu iraheze isoko ya Bujumbura ihiye,mw’ishirahanwe OLUCOME bavuga ko bibabaje kubona ico kibanza kigenrwa n’ibisigarira gusa. 

Isoko yahiye yar’isoko yo mu karere, irasha abantu bifumbereje ,kubw’ubukene igihugu gifise mu gukinga impanuka vyaranse ko hagira ico bokiza. Ishirahamwe ryishinze kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Leta OLUCOME ngo rirababazwa no kubona imyaka itandatu irangiye imicafu y’ibisigarira ikigandagaje mu kibanza c’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura kandi Leta yari yaremeye kuhasukura kuva isoko igisha ariko […]

Amafranga yababa imiliyaridi zibiri y’amarundi niyo yegeranijwe mu gikorane c’amashimwe catunganijwe n’umugambwe CNDD-FDD i Gitega

Amakuru ava mu begereye umugambwe CNDD-FDD avuga ko amafranga angana umuliyaridi umwe ,imiliyoni amajana umunani na mirongo ine  hamwe n’ibihumbi mirongo irindwi na bine n’amajana abiri n’amahera mirongo irindwi n’atanu (1 840 074 275 Fbu ) ariyo yatojwe mu gikorane giherutse kubera mu ntara ya Gitega.ayo mafaranga yavuye mu ntara ziatandukanye ndetse no hakurya y’amazi. […]

Cibitoke mu burengero bushira uburaruko haraye humvikanye inkoho zayeye ubwoba abanyagihugu

Inkoho za muzinga zarumvikanye kwibarabara rya kabiri i Nyamitanga muri komine Buganda mu ntara ya Cibitoke mu nkengera z’uruzi Rusizi. Amakuru ava mu basirikare avuga ko hoba hari hiriwe igihuha kivuga ko bashobora guterwa n’imirwi y’abarwanyi bashobora kujabuka Rusizi bavuye muri repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Ayo makuru nyene avuga ko umwe mu basirikare […]

Umugambwe MRC Rurenzangemero wagize ico ushikirije ku kibazo c’uko ikibazo Kiri hagati y’u Burundi n’u Rwanda bocigako mu nama y’abakuru b’ibihugu vya afrika y’ubuseruko. 

Kubw’umugambwe MRC Rurenzangemero ngo kubona umukuru w’igihugu c’u Burundi yasavye ko ikibazo c’imigenderanire hagati y’u Burundi n’u Rwanda coba mu vya mbere vyotorerwa umuti mu nama ihuza abakuru b’ibihugu vy’akarere ka afrika y’ubuseruko ngo n’ukuvanga ibintu. Juvénal Nkurwanubusa arongoye uyo mugambwe abona ko icihuta ku Burundi mur’iyo nama y’abakuru b’ibihugu ar’uguhimiriza Leta y’u Burundi ikemera […]

RDC, ihagarikwa ry’umwe mu ndongozi z’inyeshamba zo muri Congo akorana n’imirwi y’abarwanyi b’abarundi n’abanyarwanda

Ni colonel Richard Tawimbi ari mu barongoye umuhari w’abarwanyi Gumino wo mu buseruko bwa Congo mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko. Amakuru yo kwizera yemeza ko yoba yafatiwe hagati mu gisagara ca Kinshasa kuwa gatatu w’indwi iheze. Ivyegeranyo bitari bike vyerekana ko uwo murwi yari arongoye ukorana n’imirwi y’abarwanyi b’abarundi n’abanyarwanda barwanya ubutegetsi bwa […]

Abasirikare b’abarundi igihumbi bagiye gutahukanwa mu Burundi

Abasirikare b’abarundi bagera ku gihumbi bagiye gutahukanwa bava mu gihugu ca Somaliya mu rwego Amisom. Itahukanwa ry’abo basirikare rijanye no gushira mu ngiro ingingo y’inama y’umutekano ya Onu 2431 n’ivyavuye mu nama ya comite y’inteko z’ubumwe bwa Afrika igira iya 27 isaba ko inteko za Amisom z’uburundi ziri muri Somaliya zogabanywako abasirikare igihumbi kugeza kuwa […]

Hagiye gushirwaho umurwi uzohuza abamenyesha makuru n’abajejwe intwaro mu gihugu. 

Uyo murwi ukaba ugiye gushirwaho mu ntumbero yo kworohoreza abamenyesha makuru kuronka amakuru vyoroshe, ivyo bikaba vyavuzwe n’umushikiranganji wo kumenyesh’amakuru Frederick NAHIMANA mu gihe yariko arashir’ahabona ivy’ubwo bushikiranganji bwaranguye mu gice ca kabiri c’umwaka uheze. Bakavuga ko banahimiriji ubuvugizi bw’ubushikiranganji butandukanye gutanga amakuru ku bamenyesha makuru mu gihe bayakeneye. Umushikiranganji Frederick NAHIMANA akongera akamenyesha ko […]

Ibimenyetso vy’umugambwe CNDD-FDD binyenyagiye mu rudavagi

Ibimenyetso vy’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD bikwiragiye mu gihugu kandi ata mategeko namwe akurikijwe. Abanyagihugu bakavugako bitari vyiza mu gihe ata wundi mugambwe numwe uvyemerewe atari CNDD-FDD. Abanyagihugu bo mu ntara zitandukanye baranegura iyo nyifato. Kubera ko abarongoye umugambwe CNDD-FDD bashinga ibimenyetso aho babonye hose kandi uko bashatse. Bimwe muri vyo vyashinzwe ahantu hahurira abantu […]