“kutwirukana tutagira iyo tuja, bazoba bataye abana bacu mu mabarabara “

Ayo n’amwe mu majambo umunyagihugu umwe mu bubatse mu kibanza cagenewe gutabwamwo ubucafu kiri mu buterere, kubwiwe avuga ati “Leta n’idusamburireko hano, ariko itwubakire hirya “ Abo banyagihugu bose aho bari batekewe n’ubwoba bibaza aho uruvyaro rwabo ruzokika umusaya aho bukera, kubwabo ngo baracafise icizera ko mu gihe Leta yoba iriko irabasaba kuhava, izoheza ikabashumbusha […]

Inyuma y’amezi icenda bataronswa ibifungurwa impunzi zo mw’ikambi ya Lusenda muri Congo ziriruhutsa

Ifu y’ubuyi ni kimwe mu bifungurwa izo mpunzi zo mwikambi ya Lusenda muri territoire ya Fizi zaronkejwe. Naho vyaje bitevye izo mpunzi zirashima bakavuga ko vyoteba ariko bikaboneka. Izo mfungurwa zikaba zitangwa n’ishirahamwe ADES. Ubwo buyi bugenewe abana batarenza imyaka itanu n’abakenyezi bonsa canke bibungenze. Baronswa umwumwe ibiro bitatu vy’ifu. Bavuga ko ivyo biro bidakwiye […]

Har’abanyepolitike bifuza gushinga umugambwe bavuga ko bagizwe n’abakunda gihugu, bagenderabuntu. 

Mw’itangazo abo banyepolitike basohoye berekana ko bakoranye itariki ya 14 uku kwezi, mur’iyo nama bakaba baravuganye ibijanye n’amatora yo mu 2020, ngo bipfuza kazoza keza n’iterambere rirama ku Burundi n’ababugize. Umukuru w’iryo huriro akaba ari Nick-Paul NICAYENZI, ivyegera bibiri akaba ari Bernardo SINDIBARURA na Primitive NDAYISENGA, Jacques IKENESE akaba ari komiseri mukuru, umunyamabanga mukuru nawe […]

Umukuru w’igihugu c’u Rwanda yaranse kuba umuhuza mu matati y’abarundi

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru The East Africa mu nyishu yatanze asa nuwatanze ikibazo avuga ko iyo u Rwanda ruba rutariho u Burundi ko butaba bufise ingorane. Aca avuga kandi ko iyo ikibazo c’uburundi kiba kiva hanze yabwo ko abahuza n’abandi bose bamaze gukora ku kibazo c’u Burundi baba barabivuze. Atanga amazina ya Museveni na […]

Urwego CNC ngo ugiye gufatira ibihano ibinyamakuru vyandika amakuru bitashikirije urwo rwego ivyo vyanditse. 

Urwego rujejwe gucungera ingene ibinyamakuru bikora CNC rugiye kurungikira amakete yo gusaba insiguro abarongoye ibinyamakuru vyandika ntibiheze ngo bitange ivyo vyashikirije mur’urwo rwego, ivyo bikavurwa n’uwurongoye urwo rwego Nestor BANKUMUKUNZI. Nestor BANKUMUKUNZI avuga ko ari mu ntumbero yo gusaba ivyo binyamakuru kwisunga itegeko rigenga ivyo kumenyesha amakuru, kubw’ivyo ati kubona hariho ibinyamakuru bidatanga ivyo bisohoye […]

Gitega hagati mu gihugu, abagendana umugera wa Sida bahora baronswa imfungurwa bagabanijwe

  Umupfakazi afise abana batatu aba mu gisagara ca Gitega avuga ko abagendana umugera wa Sida bose bahora baronswa amavuta, ibiharage n’ifu y’ubuyi bitangwa n’ishirahamwe ryitaho ibifungurwa kw’isi PAM. Uyu musi ivyo bifungurwa bihabwa gusa abakenyezi bibungenze, abonsa hamwe n’abo biboneka ko amagara yabo yifashe nabi bafise musi y’ibiro 40kg. Uwundi mukenyezi wo muri ico […]

Impunzi z’abarundi bagera ku gihumbi barakiriwe mw’ikambi ya Nduta mu mezi atandatu aheze

Abarundi bahunga barenga igihumbi barakiriwe mw’ikambi y’impunzi ya Nduta iri muri district Kibondo mu gihugu ca Tanzaniya kuva mu kwezi kwa Ruheshi umwaka uheze w’2018  kugeza muri uku kwezi kwa mbere muri uyu mwaka w’2019. Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi rikaba ritabafasha kuko batarandikwa ngo banahabwe impapuro z’impunzi. Babaye barakirwa vy’imfatakibanza ubu barindiye ko haba ugushirwa […]

Abantu batatu barishwe mu gisagara ca Bujumbura ku musi wa gatandatu

Babiri muri abo batatu nibo bamenyekanye. Umwe n’umukozi w’ishirahamwe mpuzamakungu riraba abiyunguruza bava mu bihugu baja mu bindi OIM mu mpfunyapfunyo y’igifaransa. Yamuka mu gihugu ca Soudani yo mu bumanuko akaba yitwa Sworo Patrick Samuel Gonda afise imyaka imyaka 35 y’amavuko. Ikiziga ciwe bagisanze mu cumba c’inzu yabamwo iri mu Kinanira ca gatatu mu Bumanuko […]

Uburongozi bw’umugambwe w’abadasigana UPRONA ngo nta mugambi bufise bwo gufuta mu mugambwe abaheruka kwandika basaba umurongozi gutanga imihoho. 

Abel GASHATSI arongoye umugambwe w’abadasigana UPRONA akaba ariwe yabishikirije kur’uyu w’imana inyuma y’inama yahuje indongozi z’uyo mugambwe mu ntara, inama kandi yitabwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO asanzwe ahurikiye mur’uyo mugambwe Ivyo n’inyuma yaho mu misi iheze umukuru w’umugambwe w’abadasigana UPRONA yashikirijwe urwandiko, mur’urwo rwandiko harimwo amakosa bamwagiriza kuva agitangura gutwara umugambwe bongera […]

Bujumbura- Buterere : Inama nkuru y’umutekano yahagaritse ingingo yo gusambura amazu yagereye ahaseswa imyavu y’iyarara

Umunyamabanga ntayegayezwa w’inama nkuru y’umutekano General Major Silas Ntigurirwa ivyo yabimenyesheje kuri uyu wa gatandatu ku nsamirizi na televiziyo vy’uburundi. Hari haheze imisi mike cane hari abashikiranganji batatu bishikiye aho ku Buterere basaba abantu bubatse amazu yabo hafi yahoo basesa iyarara kuba bayasambuye bakongera bakarondera iyo bimukira. General Major Silas Ntigurirwa yasavye abashikiranganji uwo intwaro […]