RDC: Intambara imaze imisi ihuza abarwanyi ba Mai Mai bari kumwe n’abarwanyi babarundi

Izo ntambara zatanguye kuba kuva mu gitondo co kuruyu wa kane uheze mu gihe ingabo za Congo zariko zigerageza gutuza abarwanyi ba Mai Mai bifatanije n’abarwanyi b’abarundi. Izo Ntambara zabereye mu duce twa Kalungwe na Kikozi mu ntara ya Uvira muri Kivu yo mu bumanuko mu buseruko bwa Congo. Abanyagihugu begereye igice intambara ziberamwo baremeza […]

Igihugu kibanyi ca Uganda kirasaba impuzi z’abarundi Gusubir’iwabo. 

Umushikiranganji ajejwe ivy’impunzi mu gihugu ca Ouganda, Hilary Onek agasaba impunzi z’ikomoka mu gihugu c’u Burundi ,c’u Rwanda n’ica soudan y’amaja epfo, avuga ko ivyo bihugu vyose birimwo umutekano ubu. Iryo tangazo rikaba ryatanzwe mu nama yahuje abahinga, abashikiranganji mw’ishirahamwe rijejwe ivy’amategeko y’akazi kubw’iterambere ry’igihugu,kubera uburyo bukoreshwa mu gufasha impunzi, abahunguka, n’ababakira. « Ibihugu bimwe […]

Umushikiranganji w’ubutungane yaraye amenyesheje ko abanyeshure batatu babakobwa bari bapfunzwe barekuwe

Ivyo umushikiranganji w’ubutungane yaraye abimenyesheje imbere ya sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa iherutse gushingwa ku muhingamo wo kuruyu wa mbere. Umushikiranganji Aimé Laurentine Kanyana yamenyesheje ko sentare isubiramw’imanza ya Ngozi yafashe ingingo yo gutezurira abo bigeme. Umushikiranganji Kanyana avuga ko amatohoza abandanya ko abo bakobwa bazobandanya kwitaba ubutungane bidegemvya. Umupfasoni Kanyana avuga ko anezerejwe n’iryo […]

Umushikiranganji w’ubutungane aterakamo abacamanza kuhagabira muri kino gihe tugana mu mwaka w’amatora.

Ivyo bikaba vyavuzwe na Aimée-Laurentine Kanyana ,umushikiranganji w’ubutungane aho yatera ako kamo mu ntumbero yo kugabisha abacamanza, kwirinda mu ngingo bafata kugira ngo ntihagire ugusomborotsanya kw’imigambwe itandukanye. Umushikiranganji w’ubutungane akaba abasaba gukora akazi basanzwe bakora mu mategeko no mu kudaca urwangondagonde. Ivyo akaba yabimenyesheje aho yari yagendeye Sentare isubiramwo imanza ya ntahangwa. Nayo ku kibazo […]

Abanywanyi batatu b’umugambwe CNL bo mu ntara ya Gitega bapfunzwe hadakurikijwe amategeko

Abo banywanyi batatu b’umugambwe CNL bafatiwe ku mutumba Gerangabo wa komine Mutaho mu ntara ya Gitega, kuwa munani Ntwarante uyu mwaka inyuma y’isakwa ryari rihejeje kubera kuri uwo mutumba baca bajanwa gupfungirwa muri commissariat y’igipolisi i Gitega. Abo nabo ni Eric Sabokwigura, Remy Manirakiza et Felix Niyonzima. Bapfunzwe imisi yababa mirongo ibiri bagirizwa gutunga ibirwanisho […]

Impunzi z’abarundi 58 bafatiwe ku rubibe rwa Tanzaniya na Kenya i Mwanza

Ni abo mw’ikambi ya Mtenderi bavuga ko bari bagiye gusaba ubuhungiro muri Kenya. Muri kino gihe bari mu minwe y’igipolisi ca Tanzaniya. Bamwe mu mpunzi z’abarundi bari muri Tanzaniya baguma baja gusaba ubuhungiro mu bindi bihugu kubera ubuzima babayemwo butoroshe. Abo barundi 58 bafashwe bagira bajabuke urubibe rwa Tanzaniya na Kenya mu ntara ya Tarime. […]

Igurwa ry’ibitenge ku gahato rirateye isibe muri Uprona

Hari icuka kibi hagati ya bamwe mu ndongozi z’umugambwe Uprona wemewe n’ubutegetsi. Ico cuka kiva ko abategetsi batandukanye bakomoka muri uwo mugambwe basabwa kugura ibitenge vyabo nivy’abandi badashoboye kuvyigurira. Abategetsi berwa nico kibazo bavuga ko badafise uburyo bukwiye bwo kugura ivyo bitenge. Abo bategetsi bagenywe kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu canke itegeko nshikiranganji bavuga ko basabwa kugura […]

Umurongozi bw’umurwa mukuru wa Bujumbura ntibwari bukwiye kwaka ibiranga ko harishwe umwavu imbere yuko batanga ico ubasavye. 

Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umuvugizi w’umushingamateka w’intwaro yo hagati mu gihugu mu kiganiro gihuza abarongozi cabereye mu ntara ya Mwaro. Ni mu gihe bimaze imisi vyibonekeza, aho iyo abanyagihugu bituye zone barondera impapuro canke ibindi, ababijejwe babanza kubasaba ivyerekana ko boba baratanze amafaranga asabwa kugira ngo hakurwe umwavu. Tharcisse Niyongabo, umuvugizi w’umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati […]

Abanyeshure 6 barafashwe bagirizwa kwandika kw’isanamu y’umukuru w’igihugu iri ku bitabo bigiramwo. 

Sentare yo mu ntara ya kirundo yarashize umukuno yemeza gutabwa mu gasho kw’abanyeshure 6 bo mw’ishure nshingiro rya kirundo, aho abo banyeshure bagirizwa kuba baranditse baronona isanamu iri ku bitabo bakoresha mw’ishure mu mwaka w’indwi. Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe riharanira agateka k’umwana FENADEB mu mpfunyampfunyo, Ferdinand Simbaruhije agasaba ko ibihano bohabwa vyoba ibihano bijanye n’ivy’abanyeshure. Akongera […]

Kur’uno w’imana haratunganijwe amahiganwa yiswe “cross country” ku rwego rw’igihugu. 

Uwurongoye ishirahamwe ryo kwinonora imitsi mu gihugu c’uburundi amenyesha ko ayo mahiganwa yatunganirijwe mw’ikambi ya muha, arongera kw’ayo mahiganwa yatunganijwe mu ntumbero yo gutora abanonotsi ba mbere mu gihugu, bakazoserukira igihugu mu mahiganwa mpuzamakungu yo kwinonora imitsi “cross country” azobera mu gihugu ca Denmark  Dieudonné KWIZERA batazira Muvuduka, asanzwe aramutswa ishirahamwe ry’abanonotsi akavuga ko yizeye […]