Imyidogo ni myinshi ku bakora mu gisata co kurwanya ikiza Ebola.

Abaforoma bashizwe ku bibanza bicungera ikiza Ebola bishuza amezi atatu y’amafaranga y’induhuro aho baheraniwe na Reta ibirarane vy’amezi atatu. Abo baforoma bakavuga ko bagishirwa muri ico gisata, bâri bemerewe amafaranga 10 000 ku musi yiyongera ku mushahara. Ariko kuva bagitangura ko haba gucererwa birenze mu guhembwa, bagasaba ubushikiranganji bubatwara kubishura umushahara w’amezi ashika kuri atatu […]

Abasenyeri Katholika b’u Burundi baraye bihanije ko ata muntu numwe atari umupadiri azosubira kuvuga amajambo mu nkuka y’imisa

Mu abategetsi b’u Burundi bafashe ingendo yo kwiha ijambo mu misa, abasenyeri bavyanse bivuye inyuma bavuga ko atana hamwe vyanditswe mu ndinganizo ya ekeleziya Katolika. “Abakirisu bamwe bamwe na bamwe mu ntwaro baramaze imisi bafata amajambo mu nkuka y’imisa, nkuko umenga imisa yahinduwe ikindi gisabisho cose gisanzwe abantu bahuriyemwo.” Nkuko biri mw’itangazo risozera inama y’abepiscopi yabaye […]

Itegeko rishasha rigenga amatora yo mu 2020 ryemejwe bigoranye ku majwi 105, batatu bararihakana ku bashingamateka 108 bari bitavye.

Nk’isaha zibiri zirenga z’umugoroba kuruyu wa gatatu, itegeko rishasha rigenga amatora ryaratowe inyuma y’amasaha arenga 10 y’impari. Impari zahuza abashingamateka bo mu runani Amizero y’abarundi ku ruhande rumwe, n’abamuka muri CNDD-FDD ku rundi ruhande. Vyinshi ntibavyumvikanako, nk’ingwati isabwa kugira umuntu yitoreze kuba Umukuru w’igihugu, ibijanye no gutera umukono ku cegeranyo c’ivyavuye mu matora, uguserukirwa kw’abakenyezi,… […]

Omar El Bashir yahora arongoye igihugu ca Soudani ubu ari mu mvuto

Uwahora arongoye igihugu ca Soudani aherutse gukomborwa n’abasirikare yaraye ajanywe mw’ibohero riri ku murwa mukuru wa Soudani Karthoum. Aya makuru yatanzwe numwe mubawegereye ku kinyamakuru caho muri Soudani avugako bamutwaye mw’ijoro ry’uwa kabiri ushira uwa gatatu. Umwe mubantu bo mumuryango wiwe avuga yabwiye abamenyeshamakuru mw’ibanga ko Bashir yajanywe gupfungirwa ahitwa Kober i Karthoum mw’ijoro ryakeye. […]

Abantu bane bishwe mu kiringo kitarenze indwi.

Umusore azwi kw’izina rya Anicet Ndayishimiye, imbonerakure batazira Mupara, Yishwe buca ari kuwa kabiri muhira iwe ku mutumba kabonga, komine nyanza lac, akaba yagandaguwe n’abantu bitwaje ibirwanisho ariko bataramenyekana gushik’ubu. Abasanzwe baba kur’uyo mutumba bavuze ko nya bantu Babanje kumusaba amafaranga, baca baramurasa, Abasirikare n’aba polisi benshi baciye bazanwa muri ako gace, baguma bahasaka gushika […]

Umwe mu barongoye imiyabaga yo mu mugambwe CNDD-FDD mu gisagara ca Bujumbura yishwe n’abantu bataramenyekana. 

Jean Claude Ndihokubwayo yari umusore arongoye igice c’abayabaga bahurikiye mu mugambwe uri ku butegetsi I Bujumbura mu gice ca zone rohero komine mukaza yishwe mu masaha y’isaha Imwe n’igice z’ijoro, akubiswe ikibando n’abantu bataramenyekana aho yarari mw’ibanki ya Bancobu. Ivyabona vyari mur’ico kibanza, bamenyesheje ko babonye abantu bashika kuri bane baje bamukurikira buhoro buhoro mu […]

Imishamirano hagati y’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD n’umugambwe mushasha utwarwa na Agathon Rwasa,CNL

Umunywanyi w’umugambwe uheruka kwemerwa n’amategeko CNL yakubitiwe mu ngoro ya CNDD-FDD. Alexandre Nduwimana, umwe mu bajejwe kwigisha umugambwe CNL muri komine Butihinda yasambishijwe akubitwa inkoni n’abarongoye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD muri komine Butihinda, Intara ya Muyinga, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu Vyabereye mu ngoro ya CNDD-FDD i Butihinda ku munsi w’ejo isaha imwe y’ijoro […]

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buragabisha umugambwe mushasha CNL. 

Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu aho yasaba umugambwe mushasha uheruka kwemerwa n’amategeko CNL gukorera ku mugaragaro, gushinga inzego z’uyo mugambwe gushika ku nzego zo hasi. Ivyo akaba yabibasavye mu ntumbero yo kwubahiriza amategeko agenga imigambwe mu Burundi. Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, Tharcisse Niyongabo akaba yabishikirije inyuma yaho umushingamateka Agathon Rwasa asanzwe […]