RDC: Igisirikare ca Congo kiriko kirahiga abarwanyi b’umuhari FNL wa generali Aloys Nzabampema

Mu gitondo ca kare kuri uyu wa kabiri igisirikare ca Congo FARDC cariko gitana mu mitwe n’abarwanyi b’umuhari FNL wa Aloys Nzabampema mu bice vya Magunda na Kakuku muri segiteri Itombwe mu karere ka Mwenga mu ntara ya Kivu y’ubumanuko muri Repubulika ihanarira intwaro rusangi ya Congo.

Abasirikare ba Congo FARDC baragavye ibitero bikomeye ku barwanyi ba generali Aloys Nzabampema.  Amasoko yacu avugako intambara zikomeye zariko zibera mu misozi miremire ihanamiye igisagara ca Uvira. Vya muzinga vyarasanye mu duce twa Magunda, Kakuku na Maheta hasanzwe habarizwa abarwanyi b’umuhari Fnl ya Aloys Nzabampema. Amakuru ava mu gisirikare ca Congo FARDC avuga ko ibitero biriko bikorwa n’ingabo zirongowe na colonel Zaire , muri kino gihe bavurwa mu mitumba ya Ruhuha aho bariko bagerageza gutuza imirwi y’abarwanyi b’abarundi. Abanyagihugu baba muri ivyo bice bavuga ko babonye umurwi munini w’abasirikare b’igihugu ca Congo bafise ibikoho vya muzinga. Ikindi bavuga nuko kugeza ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri hari hacumvikana urwamo rw’amasase mu bice vyari vyiriwe biraberamwo izo ntambara.

General Aloys Nzabampema avuga ko igisirikare ca Congo cifatanije na leta y’u Burundi mu kumutera. Igisirikare ca Congo kikaba kimaze imisi mu ruhigi rudasanzwe rw’abarwanyi harimwo abarundi mu ntara ya Kivu y’ubumanuko. Aribo Red Tabara, Forebu, na Fnl ya Aloys Nzabampema. Amakuru ava muri Congo avugako  ibirindiro vyabo barwanyi vyamaze gufatwa n’abasirikare ba Congo.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *