Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buragabisha umugambwe mushasha CNL. 

Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu aho yasaba umugambwe mushasha uheruka kwemerwa n’amategeko CNL gukorera ku mugaragaro, gushinga inzego z’uyo mugambwe gushika ku nzego zo hasi. Ivyo akaba yabibasavye mu ntumbero yo kwubahiriza amategeko agenga imigambwe mu Burundi.
Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, Tharcisse Niyongabo akaba yabishikirije inyuma yaho umushingamateka Agathon Rwasa asanzwe arongoye umugambwe CNL amenyesheje ko abanywanyi b’umugambwe wiwe bafatwa bagapfungwa bagirizwa ko bariko bakora inama zitemewe n’amategeko. Ati :” Ni gute abantu babiri bariko baraganira bisanzwe boca bafatwa ngo bari mu nama y’umugambwe?”
Tharcisse Niyongabo ati amategeko agenga imigambwe mu Burundi aratomoye, Iyo hari umugambwe mushasha wemerewe, amategeko aratomora ko uwo mugambwe ushaka kuja gukorera mu ntara yose y’igihugu ubanza gushikira buramatare w’intara akabaha urwandiko rwemezwa ko umugambwe wemerewe gukoranira mu ntara, kandi umugambwe utegerezwa kugira umuserukizi aho hose ushaka gukoranira.
Ati ivyo nibavyubahiriza bazoheza bakorane mu mutekano, bongere bitegurire amatora yo mu mwaka uza mu mutekano wose.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *