Abantu bane bishwe mu kiringo kitarenze indwi.

Umusore azwi kw’izina rya Anicet Ndayishimiye, imbonerakure batazira Mupara,
Yishwe buca ari kuwa kabiri muhira iwe ku mutumba kabonga, komine nyanza lac, akaba yagandaguwe n’abantu bitwaje ibirwanisho ariko bataramenyekana gushik’ubu.
Abasanzwe baba kur’uyo mutumba bavuze ko nya bantu Babanje kumusaba amafaranga, baca baramurasa, Abasirikare n’aba polisi benshi baciye bazanwa muri ako gace, baguma bahasaka gushika kuruyu wa gatatu aho abantu benshi boba bahagaritswe mu gitondo ku mvo z’amatohoza
Abandi bantu batatu bakaba barishwe kuw’Imana mw’ijoro uca uwa mbere muri komine Kayogoro intara ya Makamba,  Muri bo, harimwo abagore babiri n’umugabo umwe aribo Wazo Bunyoni, yavuka ku mutumba Rutenderi, Ndayizeye na Basirisa nabo akaba bari abagore, bose bishwe baciwe imitwe hakreshejwe imipanga mu gihe bariko basangira inzoga ku witwa Ndayizeye.
Abanyagihugu baho bikeka imbonerakure zaguma zizunguruka uwo muhana umwanya munini imbere y’uko bicwa.
Muri izo mbonerakure zikekwa, harimwo uwitwa Ferdinand Kadogo na Hatungimana, bose bagirizwa n’abanyagihugu bo ku mutumba Nkaramanyenye kwama bakora ubwicanyi kuruyo Mutumba, bagaca bahungira muri Tanzaniya.
Isoko ryacu rihaba rivuga ko kuva mu 2016, hamaze kwicwa mûri ako gace, abantu 16.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *