Imishamirano hagati y’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD n’umugambwe mushasha utwarwa na Agathon Rwasa,CNL

Umunywanyi w’umugambwe uheruka kwemerwa n’amategeko CNL yakubitiwe mu ngoro ya CNDD-FDD.
Alexandre Nduwimana, umwe mu bajejwe kwigisha umugambwe CNL muri komine Butihinda yasambishijwe akubitwa inkoni n’abarongoye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD muri komine Butihinda, Intara ya Muyinga, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu
Vyabereye mu ngoro ya CNDD-FDD i Butihinda ku munsi w’ejo isaha imwe y’ijoro nk’uko abari hafi y’ico kibanza bbabivuga.
Uwo munywanyi w’umugambwe CNL yakubiswe ngo yoba yakubiswe yagirizwa kwigishiriza umugambwe wiwe. Tutibagiye kandi ko haheze indwi zibiri, yari yafungiwe mu gipolisi imisi indwi.
Umwe mu ndongozi zo mu mugambwe CNL twabajije avuga ko hoba hariko haterwa ubwoba abanywanyi babo kugira ntibabandanye ibikorwa vy’umugambwe. «Turasavye abajejwe intwaro n’abarongoye umugambwe uri ku butegetsi bahanure abantu babo bareke imigambwe itavuga nabo bakore mu gihe twimirije amatora » Vyavuzwe n’iyo ndongozi

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *