Omar El Bashir yahora arongoye igihugu ca Soudani ubu ari mu mvuto

Uwahora arongoye igihugu ca Soudani aherutse gukomborwa n’abasirikare yaraye ajanywe mw’ibohero riri ku murwa mukuru wa Soudani Karthoum. Aya makuru yatanzwe numwe mubawegereye ku kinyamakuru caho muri Soudani avugako bamutwaye mw’ijoro ry’uwa kabiri ushira uwa gatatu.

Umwe mubantu bo mumuryango wiwe avuga yabwiye abamenyeshamakuru mw’ibanga ko Bashir yajanywe gupfungirwa ahitwa Kober i Karthoum mw’ijoro ryakeye. Omar El Bashir yari amaze imyaka 30 ku butegetsi yakombowe na bamwe mu barongoye igisirikare kuwa 11 Ndamukiza uyu mwaka,  inyuma y’imyiyerekano yo kumwiyamiriza yari imaze amezi ane. Abariko baramwiyamiriza ntibaratezura, bamwe mu babarongoye basaba ko hoba intwaro y’abasivile aho kuba iya gisirikare. Kuri uyu wa mbere igihugu c’u Buganda cari cavuze ko gishobora kwiga ingene coha ubuhungiro prezida Bashir aronderwa n’ubutungane mpuzamakungu. Omar el Bashir w’imyaka 75 y’amavuka akurikiranwa na sentare mpanavyaha mpuzamakungu ifise icicaro i Haye mu Buhollande ku vyaha bisinzikaza kiremwa muntu, ivyaha vy’ihonyabwoko n’ivyaha vyo mu ngwano vyakorewe mu ntara ya Darfour.

Abaharanira agateka ka muntu mu buseruko no mw’ihembe rya Afrika bavuga ko ugusenyuka kw’intwaro ya Bashir vyari bikwiye guha icirwa abandi batware babi nkawe bo mu karere na cane cane Petero Nkurunziza w’u Burundi. Amenye ko naho yizibirirako bitebe bitebuke azova ku butegetsi ku neza canke ku nabi maze intahe ku vyaha yagirizwa bikiri mu matohoza ya sentare mpuzamakungu imwokere.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *