Umwe mu barongoye imiyabaga yo mu mugambwe CNDD-FDD mu gisagara ca Bujumbura yishwe n’abantu bataramenyekana. 

Jean Claude Ndihokubwayo yari umusore arongoye igice c’abayabaga bahurikiye mu mugambwe uri ku butegetsi I Bujumbura mu gice ca zone rohero komine mukaza yishwe mu masaha y’isaha Imwe n’igice z’ijoro, akubiswe ikibando n’abantu bataramenyekana aho yarari mw’ibanki ya Bancobu.
Ivyabona vyari mur’ico kibanza, bamenyesheje ko babonye abantu bashika kuri bane baje bamukurikira buhoro buhoro mu nyuma baramufata bamukubita ico kibando, baraheza barahunga. Umwe muri bo ati :” basa n’abantu bamukurikiye kuva kera kandi bari bateguye kumwica kuko bamaze kwiruka har’umuduga warubarindiriye hanze ku muryango”
Igipolisi cahavuye kirenguka inyuma y’iminota ishika kuri mirongo itatu, aho caciye gifata abantu bose bari mur’ico kibanza hamwe n’abazamu b’iyo banki ku mvo z’amatohoza. Umwe mu bakorera hafi ya Bancobu ati :”igipolisi nticari gikwiye kuza gifata nabi congera gitwara abantu bose ku nguvu, ahubwo cari kugerageza hakiri Kare kurondera umuduga abo bicanye bagiyemwo”

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *