Abasenyeri Katholika b’u Burundi baraye bihanije ko ata muntu numwe atari umupadiri azosubira kuvuga amajambo mu nkuka y’imisa

Mu abategetsi b’u Burundi bafashe ingendo yo kwiha ijambo mu misa, abasenyeri bavyanse bivuye inyuma bavuga ko atana hamwe vyanditswe mu ndinganizo ya ekeleziya Katolika.

“Abakirisu bamwe bamwe na bamwe mu ntwaro baramaze imisi bafata amajambo mu nkuka y’imisa, nkuko umenga imisa yahinduwe ikindi gisabisho cose gisanzwe abantu bahuriyemwo.” Nkuko biri mw’itangazo risozera inama y’abepiscopi yabaye kuwa 09 ndamukiza uyu mwaka i Ngozi. Ingingo zafatiwe muri iyo nama zitangura gushirwa mu ngiro kuri uyu wa kane itarike 18 ndamukiza uyu mwaka.

Muri iryo tangazo baravunira kandi urugohe aba padiri baha akanya abavuga mwene ayo majambo kubera amashikanwa bazanye canke batanze umuhango w’ivyo bazotanga. Ahandi naho bagasha coba imbere y’abahambaye mu gihugu baciye kubiri n’amategeko ya liturugiya. Hari n’ahantu abaserdoti badashika igisabisho co kuw’Imana abakiristu bagasenga bafashijwe n’abarimu basanzwe naho nyene nta kindi kintu na kimwe cemewe kuhakorerwa atari ugusenga gusa ayandi majambo ntiyemewe.

Muri iryo tangazo ryasomwe na musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa arongoye inama yabepiscopi b’u Burundi asaba abarongoye ama paroisse gukurikiza urudome ku rundi ingingo zashikirijwe n’abungere b’ekereziya ataco bakuyemwo canke ngo base n’aborosha.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *