Imyidogo ni myinshi ku bakora mu gisata co kurwanya ikiza Ebola.

Abaforoma bashizwe ku bibanza bicungera ikiza Ebola bishuza amezi atatu y’amafaranga y’induhuro aho baheraniwe na Reta ibirarane vy’amezi atatu.
Abo baforoma bakavuga ko bagishirwa muri ico gisata, bâri bemerewe amafaranga 10 000 ku musi yiyongera ku mushahara.
Ariko kuva bagitangura ko haba gucererwa birenze mu guhembwa, bagasaba ubushikiranganji bubatwara kubishura umushahara w’amezi ashika kuri atatu babaheraniye.
Ku wa gatanu uheze, umushikiranganji Thadée Ndikumana akaba yamenyesheje ko igisata kigwanya Ebola gikora neza, arongera ko uburyo n’ibikoresho vyo kurwanya ico kiza bikwiye, ariko akaba atigeze avuga ku kibazo c’uko hoba hari ugucererwa kuriha abahakora.
Abaforoma baremeza ko za ibikoresho bita thermo-flashs zipima ubushuhe zihari, ibikoresho bimwe bimwe vyo kwikingira, ariko ngo nta myambaro ikwiye bafise.
Ibibanza vyarungitsweko abo baforoma kuja kurwanya Ebola vyose hamwe akaba ar’ibibanza bigera kuri 13.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *