Abantu babiri barakomerekeye mu gitero cakozwe n’abantu bitwaje ibirwanisho mw’ikambi ya Nduta muri Tanzaniya

Ico gitero cabaye mw’ijoro ry’uwa gatatu ushira uwa kane. Iruhande yabo bantu bakomeretse hari n’amafranga atazwi igitigiri yasahuwe nabo bantu bateye. Abakomeretse umwe aba muri village y’umunani muri zone ya 11, uwundi nawe ni uwo muri village ya 30  yo muri zone y’13. Bariko bavurirwa mw’ivuriro ry’abaganga batagira imbibe aho muri iyo kambi nyene. Zone […]

Itegeko rigena amafranga reta izokoresha ntaho rivuga ivyamafranga atekererwa abashingamateka bahejeje ikiringo

Inama nshingamateka yemeje iryo tegeko kuri uyu wa gatatu. Itegeko rugena amafranga reta izokoresha muri uyu mwaka w’ 2019-2020. Abashingamateka 113 bari bitavye ibikorwa iryo tegeko ryatowe n’abashingamateka 112 umwe ararihakana. Iryo tegeko rigena amafranga reta izokoresha ntaho rivuga ibijanye n’amafranga atekererwa abashingamateka bahejeje ikiringo.  Ako gace katashizwemwo karacanishijemwo abatowe n’abanyagihugu. Abo mu runani Amizero […]

Abantu bane bishwe n’amafaranga aribwa n’abantu bitwaje ibigwanisho mu kinama 

Igipolisi kimenyesha ko abateye bari batandatu bitwaje inkoho yo mu bwoko bwa kalachnikov, ivyo bigashikirizwa mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Moïse Nkurunziza, icegera c’umuvugizi w’igipolisi, yemeza ko nya murwi wari ufise intumbero yo kwiba ku kazu kadandarizwamwo. Igipolisi caharuye abantu bane bapfuye. Harimwo umudandaza, abantu babiri bâri mu bagize komite ihuriyemwo bose ijejwe umutekano, hamwe n’umwe mu […]

Impene zirenga 400 zarapfuye biturutse ku ndwara itaramenyekana mu ntara ya Ngozi

Buramatari wiyo ntara Albert Nduwimana yahagaritse idandazwa ry’ibitungwa vy’impene n’intama. Ivyo bitungwa kandi abungere nabazitunze babujijwe kuziturutsa no kuziragira kure y’imihana yabo. Iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo kugerageza gukinga ngo iyo ndwara ntikwire hose. Inyama kandi zivyo bitungwa zabujijwe kudandazwa co kimwe nivyo bitungwa. Mw’ikete ryuwo mutware, avuga ko ibitungwa 403 zarapfuye biturutse kuri […]

Umukuru w’igihugu yategetse ko hosubira kuboneka mu gihugu ibimenyetso vya kera n’icivugo « Imana, Umwami, U Burundi »

Ingingo ariko iteye amakenga abatari bake. Bamwe bakibaza ko yoba ari intumbero ya Nkurunziza n’umugambwe wiwe vyo kugomba kwigumiza ku butegetsi ubuzima bwiwe bwose. Ibiro vy’umukuru w’igihugu ngo ntamiryango vyugaye yo kugarukana intwaro ya cami mu Burundi. Vyamenyeshejwe n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude Karerwa Ndenzako. Akavugako naho imitwe yashushe, umukuru w’igihugu arahezagira imbuto akanasengera ivyimburwa, […]

Abantu barenga 80 bahagaritswe mw’isakwa ryakozwe n’igipolisi kuri uyu wa mbere

Igipolisi cakoze isaka muri karatiye Jabe ya zone Bwiza,Komine Mukaza, hagati mu gisagara ca Bujumbura. Aho Abantu basanze badakwije ibisabwa bahagaritswe. Abantu bashika ku gitigiri ca 83 nibo bahagaritswe igihe igipolisi casaka mw’i jabe. Muri bo, 19 ntibari bafise karangamuntu, 29 ntibari banditswe mu makaye ndangarugo, 20 bâri bafise amakaye atarimwo imikono y’abajejwe intwaro, 12 […]

Abatozakori ba komine Gitega batandatu bahagaritswe n’igipolisi 

Jeovanie Bukeyeneza, Experius Bigirimana, Christ, uwitwa Claude, Dagobert na Evode bose ni abakozi ba komine Gitega mu ntara ya Gitega, hagati mu gihugu bahagaritswe ku wa gatanu igihe bagire baje mu nama y’akazi Uwabibonye avuga ko abo  batozakori ba komine Gitega bahagaritswe na komiseri atwara akarere ko hagati mu gohugu no mu buseruko mu gipolisi […]

Callixte Nsabimana yemereye sentare ko mu kurwanya reta y’u Rwanda akorana n’abarundi hamwe n’abaganda.

Callixte Nsabimana, icegera c’umukuru w’umuhari w’abanyarwanda uharanira impinduka na demokarasi (MRCD), mu mpfunyapfunyo umuhari w’abantu bitwaje ibirwanisho ukorera hanze y’u Rwanda urongowe na Paul Rusesabagina akaba ari nawe yari umuvugizi w’ishamirya gisirikare ryuwo murwi FLN (les Forces de libération nationale), yaremeye ivyaha yagirizwa na sentare uko ari 16. Ubutungane bw’u Rwanda bitegekanijwe ko buzokwiga ko […]

Ibirwanisho bicira umuriro bitari bike vyarafatiwe mw’ikambi y’impunzi ya Nyarugusu muri Tanzaniya

Ivyo birwanisho vyafashwe ku mus iwa gatanu kw’isoko yaho i Nyarugusu. Bigizwe n’inkoho hamwe n’ama grenades. Ivyo birwanisho vyari mu minwe y’aba tanzaniya basanzwe bavuga ururimi rw’ikirundi. Igipolisi gicungera ikambi cakoreye ku makuru cahawe na bamwe mu mpunzi z’abarundi, aho bemeza ko babonye ibirwanisho mu mifuko y’umuceri y’abadandaza babanye Tanzaniya kwisoko. Igipolisi caciye kizunguruka iyo […]

Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD uhamagarira kunyaga amatongo ngo bayahe abanywanyi bawo

Mwijambo ryiwe yashikirije abanyagihugu bo mu ntara ya Cibitokes, umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD uri ku butegetsi général major Evariste Ndayishimiye yasavye reta kunyaga amatongo abantu avuga ko batayakoresha canke batayarima. Uwo mutware yaradomye urutoke ku matongo yo mu Mugamba mu ntara ya Bururi. Kubwiwe ngo ayo matongo yari aya reta. Aca yagiriza abanyagihugu bo mu […]