Abakinyi ba b’urukino rwo gukubitana ingumu bita boxe barabujijwe kuva muri Gabon

Bose hamwe ni batanu abakinyi batatu ari bo  Ornella Havyarimana, Nestor Nduwarugira na Jean Marie Ndayizeye. Bari kumwe n’abamenyereza babiri ari bo Côme Ndayishimiye umumenyereza hamwe na Eric Ndayishimiye arongoye fédération y’urukino rw’ingumu mu Burundi bita boxe bose ntibemerewe gucaruka ku murwa mukuru w’igihugu ca Gabon.

Bari baserukiye u Burundi mu rukino rw’umugabane wa Afrika rwa boxe rwabereye i Libreville mu gihugu ca Gabon kuva kuwa 12 kugeza kuwa 17 Rusama uyu mwaka. Bimwe mu bituma bagumijwe aho muri Gabon ni ukuba batarishe ivyo bafashe aho muri Gabon. Naho abakinyi babiri Ornella Havyarimana na Jean Marie Ndayizeye bari baronse imidari y’umujumbu muri iryo higanwa, umurwi w’igihugu ca Gabon n’abatwara ico gihugu nticabujije ko babapfunga icamaso kuko amafranga angana hafi ibihumbi 5000 vy’amadolari ya Amerika atarishwe na reta y’u Burundi. Impapuro z’inzira z’ umumenyereza Côme Ndayishimiye  nurw’ uwurongoye fédération y’igipfunsi boxe mu Burundi zarafashwe. Uwurongoye umurwi w’igipfunsi w’u Burundi avuga ko adafise amafranga ariko arasabwa. Avuga ko bagiye ata mafranga babajanye. Akavuga ko reta y’u Burundi yari yemeye kuzoriha ayo mafranga bazokoresha yose. Ngo none bararindiye amaso ahera mu nzira. Ababazwa no kubona bafatwa uko kandi baraserukiye igihugu neza muri ayomahiganwa.

Mu bushikiranganji bw’inkino baremera ko abo bakinyi bagiye barungitswe n’igihugu ariko ngo ntibakurikije intambwe zose basabwa gucako.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *