Umukozi wa OBR, Ikigo ca leta gitoza amakori yapfungiwe mu gasho n’igendereza I Bujumbura 

Philibert Ndihokubwayo azwi ku ritazirano rya Kabila, umukozi w’ikigo ca reta gitoza amakori akaba umunywanyi wa CNL yaraye mu gasho n’igendereza i Karusi. Amakuru duhabwa n’abamwegereye, avuga ko Ndihokubwayo yagirizwa gukwiragiza ubutumwa kuri WhatsApp, nya butumwa ngo butera ubwoba abategetsi. Iryo soko nyene rivuga ko Ndihokubwayo asangiye dosiye na Nathan Barampama arongoye umugambwe CNL ubugabo […]

Ibituma nyamukuru bizohava biha amahirwe igihugu ca CONGO kwakirwa mu muryango wa Afrika y’ubuseruko

Umukuru w’igihugu ca repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Felix Tshisekedi, kuwa 24 nzero umwaka w’ 2019 yanditse asaba ko igihugu ciwe cokwakira mu muryango w’ibihugu vya afrika y’ubuseruko. Ukwinjira kw’igihugu ca Congo muri uwo muryango bavuga ko hari vyinshi uzoba wungutse kandi vyagaciro. Reka umuntu ahere ku vyavuzwe bagisaba kwinjira muri uwo muryango aho […]

EALA inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko yarahagaritse ibikorwa yarimwo vyo kwemeza amafranga azokoreshwa kuko abashikiranganji b’ibihugu bari basohotse

Inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko (EALA) mu nama barimwo i Nairobi mu gihugu ca Kenya kuva kuwa 7 Ruheshi 2019. Kuri uyu wa kabiri itarike 25 z’ukwezi kwa Ruheshi 2019, abashingamateka barahagaritse kwiga ibijanye n’amafranga azokoreshwa n’akarere k’ibihugu vya Afrika y’u Buseruko. Abo bashingamateka bavuga ko badashobora kwiga no kwemeza integuro y’amafranga azokoreshwa mu gihe […]

Impunzi z’abarundi bafise amakenga kubera abagwanyi ba Maï-Maï

Abo bagwanyi baba Maï-Maï bafise ibirindiro hafi y’inkambi y’impunzi z’abarundi ya Lusenda ku butaka bwa Fizi, muri Kivu y’epfo. Impunzi zivuga ko zitinyira umutekano wazo. Mu ntango y’impera y’indwi iheze, ingwano zarahuje abagwanyi ba Maï-Maï n’igisirikare ca Kongo ahitwa Katungulu. Ingwano ziravugwa kandi mu turere twa Lusenda, Sanza na Nundu. Impunzi zo mu nkambi ya […]

Agathon Rwasa inegura ipfungwa ry’abanywanyi 9 bagirizwa guturira ingoro ya CNL 

Uwo atavuga rumwe na leta yabivugiye i Gitega igihe hugururwa ingoro ya CNL ku rwego rw’intara. Abanywanyi benshi bari bahishikiye kwakira iyo ndongozi. Umushingamateka Rwasa yaragarutse ku banywanyi 9 biwe bo muri komine Nyabiraba  Intara ya Bujumbura, bafunzwe. Ku musi wa gatatu, baciriwe gufungwa imyaka ibiri, bagirijwe guturira ingoro yabo mw’ijoro ryo ku wa gatandatu […]

RDC: Jean-Pierre Bemba yagarutse i Kinshasa

Umwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi , Jean-Pierre Bemba yashitse kuri uyu wa mungu i Kinshasa. Yaje areruwe n’indege y’abigenga  ashika ku kibuga c’indege mpuzamakungu  ca N’djili isaha imwe yo mu gitondo, aho yari aje ava mu gisagara ca Bruxelles umurwa mukuru w’igihugu c’u Bubiligi. Umukuru w’umugambwe MLC acururuka indege yakiriwe na Martin Fayulu, aherutse gutsindwa […]

Abasirikare b’u Burundi bo mu nteko za AMISOM barabeshuza amakuru avugako batanye mumitwe n’ingabo z’igihugu ca Somaliya

Kuva ku mus iwa kane w’indwi iheze haravugwa intamabara zahuje abasirikare b’u Burundi bari mu nteko za AMISOM hamwe n’abasirikare b’igihugu ca Somaliya. Ayo makuru yarananditswe n’ibimenyeshamakuru bimwe bime vyo mw’ihebmbe rya Afrika . Bavuga ko ayo makuru atangwa n’abari mu gisagara ca Mogadiscio bavuga ko muri izo ntureka hoba harasize ubuzima abasirikare 24 b’igihugu […]

Abanywanyi 9 baciriwe gufungwa imyaka ibiri, bagirizwa guturira ingoro y’umugambwe wabo

Bahagaritswe mw’ibanga, ku musi w’Imana, inyuma y’aho ingoro ya CNL ituririwe i Nyabiraba. Bamwe mu ndongozi za CNL bavuga ko ari irementanya ryeruye Abo banywanyi ba CNL uko ari 9 ubu bâri mw’ibohero rikuru rya mpimba i Bujumbura kuva ku wa hatatu. Baciriwe urubanza uwo musi nyene, mu rubanza rw’ikibiriraho rwabaye mw’ibanga, aho babagiriza ko […]

Ingwano zabaye hagati y’abasirikare b’abarundi bari mu rwego Amisom n’abasirikare ba Somliya yahitanye abarenga 20

Iyo ngwano hagati y’abasirikare ba Amisom b’ubumwe bwa Afrika n’abasirikare b’igihugu ca Somaliya yabereye mu micungararo y’umurwa mukuru Mogadiscio. Amakuru ava muri Somaliya yemeza ko iyo ngwano yahitanye abantu bagera kuri Amakuru atangwa n’abari muri Somaliya avuga ko izo ngwano zadutse kuva kuri uyu wa gatatu aho abasirikare b’u Burundi bari mu rwego Amisom bategera […]