Ikiringo c’abahinga ba Onu bakora amatohoza ku mabi akorwa mu Burundi congerejwe umwaka

Inama ya Onu  ijejwe ivy’agateka ka muntu yaraye yemeje ko ikiringo c’abahinga bakora amatohoza ku mabi akorwa mu Burundi congerezwa umwaka. Hari mu nama yico gisata kijejwe agateka ka zina muntu igira 42. Ico kiringo bagihawe ngo babandanye amatohoze kandi bimbike neza bagere kure kurusha. Muri iyo nama bavuga abari muri yo bavuga ko ikibazo […]

Ingingo ishinga ivunjwa ry’amafranga mu Burundi yateye uruhagara kw’isoko ry’amafaranga

Inyuma y’ingingo zo gusubiramwo ikoreshwa ry’amafaranga y’agaciro mu Burundi zasohowe n’ibanki nkuru ya republika y’uburundi, BRB kw’igenekerezo rya 17 Nyakanga 2019 haramaze gufatwa abavunjayi cumi na babiri kuva kuwa gatatu gushika kuwa kane igenekerezo rya 26 na 26 nyakanga 2019. Uwatanguye gufatwa ni umugwizatunga batazira Kirahwata yagirizwa kudandaza amafaranga y’agaciro  kubiciro binyuranye n’ivyo BRB yashinze, […]

Amabi akorwa n’Imbonerakure ntahanwa 

Abanywanyi ba CNL bamaze indwi basaba ko abahonyanga agateka ka zina muntu muri komine Butihinda bohagarikwa. Jaffar  Rwibonera, yamenetse ijisho ry’ikirenge kubere amahiri yakubiswe n’Imbonerakure. Jaffar Rwibonera akaba yamaze indwi mu bitaro. Amasoko avuga ko yakubiswe n’imisore iri mu mugambwe uri ku butegetsi i Butihinda. «Uwo yakubiswe azira ko yinjiye muri CNL», niko ababanyi bavuga. […]

Abasirikare b’abarundi boba barinjiye mûri Congo guhiga abarwanyi bivugwa ko boba ari abarundi

Aya makuru aremezwa n’abanyagihugu bo mu karere ka lac Tanganyika, ku ruhande rwa Kongo. Bavuga ko babonye abasirikare b’abarundi binjirana ku kiyaya c’uruzi Rusizi. Amakuru avuga amajana n’amajana y’abasirikare b’abarundi binjiye ku butaka bwa Kongo . Ayo makuru Yemeza n’abanyagihugu bo mu kiyaya “lac Tanganyika”, hamwe n’abo mu kiyaya ca Rusizi.Ayo makuru nyene avuga ko […]

Umunywanyi wa CNL yacikanye kubera amahiri yakubiswe n’imbonerakure

Jérémie Ntaconimariye yarakubiswe bikomeye n’Imbonerakure ku w’Imana igenekerezo rya 22 Nyakanga 2019 ku muhana iwe ku mutumba Mushikanwa. Bukeye akaba yaciye acikana. Ku bwa Ananias Batakanwa, arongoye CNL muri komine Gihogazi, Ntaconimariye,umunywanyi wa CNL yakubiswe yagirizwa uburozi. Yamara yagumye abihakana avuga ko azira imvo za politike. Jérémie Ntaconimariye yahavuye acikana ku wa Mbere 23 Nyakanga […]

Ama kiosque yarabomowe beneyo ntibashumbushwa mu gisagara ca Rumonge

Abapolisi n’abasirikare benshi kandi bafise ibirwanisho vya rutura bari kuva kuwa gatanu uheze kw’ibarabara rya Bujumbura-Rumonge. Abanyagihugu ntibari bemerewe no kuja mw’isoko rikuru rya Rumonge. Aho hose bariko bitegurira kwakira umukuru w’igihugu, ama kiosque n’amaboutike yarabomowe beneye batagishijwe inama kandi ntibahawe n’umuzibukiro. Nta modokari zunguruza abantu zari zemerewe no guca kuri parking, zaba izija Bujumbura […]

Umugambwe CNDD-FDD wagiriza Abepiskopi katolika b’i Burundi kwigisha urwanko 

Imbere y’uko ubutumwa bw’abepiscopi busomwa mu ma paruwasi yose agize Ekereziya mu Burundi, umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye yarifatiye mu gahanga Abepiskopi katolika b’i Burundi. Hari kuri uyu wa gatandatu 21 Nyakanga, muri komine Mugongo-Manga, intara ya Bujumbura Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD yariyamirije ingendo y’inama nkuru y’Abepiskopi b’i Burundi. Abagiriza gukwiragiza ubutumwa bwigisha kwanka […]

Abanywanyi b’umugambwe CNL babandanya bacinyizwa mu nzira zose.

Venant Irakoze, umunyamabanga wa CNL muri komine Nyabikere yaciriwe urubanza rw’ikibiriraho kuri uyu wa mbere. Sentare nkuru ya Karusi yamuhanishije gufungwa imyaka 4,no gutanga ihadabu ry’amafaranga 200. 000. Indongozi za CNL zivuga ko ari urubanza rwa politike kandi ko ubutungane buriko burakoreshwa. Venant Irakoze, umunyamabanga wa CNL muri komine Nyabikere yaciriwe gufungwa imyaka 4, n’ihadabu […]

ONU iratanga izindi nsiguro kwigandagurwa rya Marie-Claudette Kwizera

Umunyabigega w’ishirahamwe Ligue Iteka, riharanira iyubahirizwa ry’agateka ka zina kiremwa muntu, Marie-Claudette Kwizera yoba yagandaguwe mu mwaka w’2015 inyuma yaho yari aherutse kunyuruzwa n’abakozi bo mu biro vy’iperereza bakoresheje n’imodokari y’urwo rwego nyene. Mu rwandiko ruherutse gusohorwa n’ishirhamwe Human Rights Watch, amakuru mashasha atangwa n’abahinga ba ONU  bakora amatohoza ku Burundi yerekana ko umupfasoni Kwizera […]

Imiyabaga ibiri yanyurujwe mu nkambi ya Nduta

Inyuruzwa ryafashe umuvuduko udasanzwe mu nkambi y’abarundi ya Nduta. Mu misi idashika 10,impunzi zibiri zaranyurujwe. Imiryango yabo ifise amakenga n’ubwoba ku buzima bw’ababo. Uwa mbere yabuzwe irengero ku wa 5 Nyakanga, inyuma y’umutaga. Yitwa Moïse Niyokwizera, yaba muri zone II, inkambi ya Nduta, muri Tanzaniya.  Abamwegereye bavuga ko yagiye yitavye terefone y’umwe mu bajejwe umutekano […]