Hari igipfungu cinshi ku boba baherutse gutera igihugu mu ntara ya Bubanza

Imbuga hwaniro na bimwe mu bimenyeshamakuru vyarasamirije ko hari imirwi y’abantu bitwaje ibirwanisho bateye igihugu muri komine Musigati mu ntara ya Bubanza kuwa 22 gitugutu uyu mwaka. Bugorovye umuhari Red-Tabara warasohoye itangazo umenyesha ko ariwo wagavye ico gitero babicishije ku rubuga rwabo rwa twitter. Bukeye bwaho haca hasohoka irindi tangazo ry’umuhari utari usanzwe ukunda kuvugwa […]

Abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu bungururijwe mw’ibohero rikuru rya Bubanza

Bamaze kwumvirizwa n’icariho c’umushikirizamanza mu ntara ya Bubanza mu kiringo c’amasaha arenga ane, yahavuye afata ingingo yo gupfunga abo bamenyesha makuru n’umushoferi wabo. Baciye bajanwa ubwo nyene mw’ibohero rikuru ry’iyo ntara. Umucamanza  Jean-Marie Vianney Ntamikevyo yagirije nya bamenyeshamakuru “kwifadikanya n’abahungabanya umutekano w’igihugu”. Abo bakozi ba kimwe mu binyamakuru bike vyigenga bisigaye mu gihugu bahagaritswe kuri […]

RSF isaba ko abamenyeshamakuru bane ba Iwacu bahagaritswe bariko batohoza amakuru barekurwa

Abo bamenyesha makuru bo mu kinyamakuru Iwacu, Christine Kamikazi,Agnès Harerubusa, Egide Habonimana, Therence Mpozenzi n’umudereva wabo Adolphe Masabarakiza bararungitswe mw’ibohero rikuru ry’igipolisi I Bubanza. Ababegereye bamenyesha ko bapfungiwe ahantu hadashemeye huzuye umwanda ata n’amazi meza baronka Ishirahamwe ry’ABamenyeshamakuru batagira imbibe (RSF) ririyamiriza ihagarikwa ry’abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru cigenga n’umushoferi wabo bahagaritswe mu gihe bariko baratohoza ku […]

Abarundi bane bagirizwa guhugabanya umutekano w’Urwanda barasaba ubuhungiro

Ku magenekerezo ya 21 na 22 Gitugutu, Sentare y’Igisirikare mu Rwanda ishashe i Kigali yarumvirije abantu 25 harimwo Abarundi bane bagirizwa kuja mu mirwi itera Urwanda. Abo barundi baremeye icaha, baca basaba ubuhungiro ico gihugu. Mu gihe basambishwa, barabajijwe ico bari bajejwe muri uwo murwi n’igituma bagiye mu murwi witwaje ibirwanisho urwanya Urwanda, hamwe n’ukwiyunga […]

Cibitoke : hoba hatanzwe ibigwanisho ku bahoze ku rugamba n’imbonerakure 

Abahoze ku rugamba hamwe n’Imbonerakure  bo mu ma komine ya Buganda, Rugombo na Murwi boba barahawe ibigwanisho mw’ijoro ryo ku 19 Gitugutu. Abajejwe intwaro mu ntara ya Cibitoke bavuga ko ari i ibihuha. Abanyagihugu bo muri ako karere bavuga ko uwurongoye abahoze ku rugamba basubijwe mu buzima busanzwe mu ntara ya Cibitoke ari we yahagarariye […]

Abantu bitwaje ibirwanisho bateye mu ntara ya Bubanza baturutse muri Congo bateye ubwoba abanyagihugu

Imirwi y’abantu bitwaje ibirwanisho bikomakomeye bazananye mu gihugu ca Congo binjiye mu Kibira kuva mu gitondo co kuruyu wa mbere. Abantu bagera kuri 20 banyurujwe niyo mirwi benshi muribo bakaba barekuwe mu nyuma bamaze kubashikana mu Kibira. Ayandi makuru akavuga ko hariho abapolisi bapfuye n’abakomeretse. Abajejwe intwaro n’umutekano baremeza aya makuru. Kuva mu bucagucagu bwo […]

Urunani CFOR-Arusha rusanga ibwirizwa nshingiro rishasha ribuza ihiganwa rya politike mu budasa bw’ivyiyumviro vya politike

Mw’ikete bandikiye Umunyamabanga mukuru wa ONU, Urunani CFOR Arusha ruvuga ko amatora ya 2020 aja arimwo akarenganyo. Mu gutangura, urwo runani ruvuga ibwirizwa nshingiro rishasha rihamba amasezerano ya Arusha : «Ibwirizwa nshingiro ryemejwe kuwa 7 Ruheshi 2018 rirahamba amasezerano ya Arusha ari yo yari yatumye Uburundi buronka amahoro inyuma y’imyaka myinshi. Aya masezerano niyo yakomokako […]

Ingingo zigenga amaradiyo mu gihe c’amatora ntirihurizwako na bose

Urwego rw’igihugu rugenzura uko amaradiyo akora rwashikirije ingingo zizogenga amaradiyo mu kiringo c’amatora kuri uyu wa gatatu. Amaradiyo akorera mu Burundi ntiyabihurijeko. Ingingo zivuga uko abamenyeshamakuru n’amaradiyo mu matora zashinzwe n’urwego rw’igihugu rugenzura uko amaradiyo akora. “Izo ngingo zishimikiye ku bintu bizoshirwa mu ngiro mu matora”, niko Nestor Bankumukunzi arongoye Urwego CNC yashikirije. Izo ngingo […]

Gukurikiza iragi rya Rwagasore impanuro zatanzwe na Mgr Vicaire Rugerinyange`

Umukuru w’igihugu n’umutambukanyi wiwe bari bitavye imisa yabereye kuri Cathédrale Regina Mundi. Umusi mukuru wari guhimbazwa ku musi w’Imana wahimbajwe ku mus iwa mbere itarike 14 z’ukwezi kwa cumi. Muri iyo misa, Mgr Vicaire général Anatole Rugerinyange, yasavye abarundi kwama na ntaryo bakurikiza iragi ry’umuganwa Ludoviko Rwagasore. Ati yari umwana w’umwami ntaco yari akenye, ariko […]