Inyuma y’aho umukuru wa zone Muyira ahatswe kugandagurwa mw’ijoro ryo ku wa gatanu mu ndwi iheze, hafi y’igisagara ca Bujumbura abantu ntibabitahura kumwe. Abanywanyi b’umugambwe CNL ni bo bagirizwa kuba bafise uruhara muri ubwo bwicanyi. Amakuru atangwa n’abahaba, abantu bashika 24 ni bo bamaze guhagarikwa kuva iryo bara rihatswe kugwa. Bose ngo ni abanywanyi ba […]