U Burundi buvuga ko “butazosubira kwihanganira agasomborotso k’u Rwanda”. Mw’itangazo ririmwo amajambo akomeye asa n’icavutu, u Burundi busa nuko buriko buraburira bwongera bugabisha, leta y’u Rwanda kubera ibitero vyisubiriza ruheruka kugaba ku Burundi”. Umunyamabanga wa leta y’u Burundi akaba n’umuvugizi wayo, Prosper Ntahorwamiye, yavuze ko u Burundi ”buzofata ingingo zikwiye kuko budashobora kwihanganira ivyo bitero. […]