U Burundi buragabisha amakungu ko budashobora kwihanganira ivyo bita agasomborotso k’u Rwanda

U Burundi buvuga ko “butazosubira kwihanganira agasomborotso k’u Rwanda”. Mw’itangazo ririmwo amajambo akomeye asa n’icavutu, u Burundi busa nuko buriko  buraburira bwongera bugabisha, leta y’u Rwanda kubera ibitero vyisubiriza ruheruka kugaba ku Burundi”. Umunyamabanga wa leta y’u Burundi akaba n’umuvugizi wayo, Prosper Ntahorwamiye, yavuze ko u Burundi ”buzofata ingingo zikwiye kuko budashobora kwihanganira ivyo bitero. […]

Tanzanie n’u Rwanda barashize hamwe igikorwa co kwubaka ibarabara ry’indarayi ry’uburebure bw’ibilometero 400 km

Ama reta y’ibi bihugu u Rwada na Tanzaniya bariko barasozera ibiganiro ingene iryo barabara ryokubakwa. Iryo barabara ry’i  Ndarayi rizohuza ikivuko ca Isaka n’igisagara ca Kigali nkuko vyamenyeshejwe kuri uyu wa gatatu na  prézida wa Tanzaniya, John Magufuli. Mu kiganiro caciye kuri Television yico gihugu. Prezida magufuri yavuze ko iryo barabara rizoba rifise uburebure bwa […]

Burundi : Imbonerakure zaranse ishirwa mu ngiro ry’urubanza rwaciwe na sentare

Dorothée Niyonkuru, Edmond Ntakiyisumba, Béatrice Niyonizigiye, bose ni abacamanza ba sentare y’intango ya Bururi mu buraruko bw’u Burundi, hamwe na Hyacinthe Havyarimana, umwanditsi muri iyo sentare nyene barakubaguwe n’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD zo ku mutumba Mudahandwa zirongowe n’umukuru wuwo mutumba. Amakuru ava muri bamwe mu bakora mu gisata c’ubutungane i Bururi, amenyesha ko izo mbonerakure zaje […]

Isakwa ryabaye mu Nyakabiga kwari ukwaka amafaranga ku nguvu vyatunganijwe n’igiporisi 

Kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo guheze, hariko haba isakwa ryagizwen’igiporisi kiri kumwe n’igisoda, abantu bashika hafi 150 bo muri kariyiye Nyakabia ya III barahagaritswe baca bajanwe ku kibuga c’ibiro vy’igiporisi mu gisagara ca Bujumbura. Bahamaze imisi bahava bararekurwa batanze amafaranga. Intahe zitandukanye zivuga ukuntu bagenda barakwa amahera n’abaporisi. «Umwe wese yatanga amafaranga ibihumbi 50 kugira ngo […]

Burundi : Umugambwe CNDDFDD uriko urategura ihonyabwoko ry’abatutsi n’abahutu batavugarumwe

Ivyo vyaraye bishizwe ahabona n’umuhari  Ligue Iteka uharanira agateka ka zina muntu. Mu rwandiko rw’impapuro zibiri, rumenyeshako hari amanama yo gutegura kwica abatutsi hamwe n’abahutu batavuga rumwe na CNDDFDD imbere yuko amatora ya 2020 ababatutsi bakitwa «Mujeri», abahutu nabo bakitwa «ibipinga» Ligue Iteka  rivugako mu nama z’urutavanako zibera mu ntara ya Karusi, uwitwa Nestor batazira […]

Prezida tshisekedi ashobora kugendera akarere ka Minembwe mu misi iri imbere.

Kuwa gatanu uheze mu nma nshikiranganji yararongoye igira 11, yabereye muri cité de l’union africaine iri i Kinshasa ku murwa mukuru wa Congo. Iyo nama yizwemwo ibibazo vy’umutekano hagati mu gihugu ca Congo no ku mbibe zaco. Prezida TCHISEKEDI yavuze ko ingingo zose zafashwe kugira hagarukanwe umutekano mu gihugu cose aca asaba ko abo vyega […]

Isakwa ry’agasakisaki mu gisagara ca Bujumbura

Mu gitondo co kuri uyu wa mbere, aba polisi bitwaje ibikoho vya rutura muri karitiye Jabe ya mbere , iri muri zone Bwiza, muri komine Mukaza. Icari gitandukanye n’iyindi misi kuri uyu wa mbere abana baja ku mashure barabareka bakarengana ata nkomanzi. Abapolisi baza baherekejwe n’abasirikare,abo nabo baraheza bakazunguriza ahagomba gusakwa bagaheza abapolisi bakinjira gusaka. […]

Multiplication of the searches in the economic capital Bujumbura

Very early in the morning of Monday, policemen armed to the teeth broke into the Jabe I district of the Bwiza area, in Mukaza commune, in Bujumbura town hall. Unlike other days, the children were able to go to school. The police were accompanied by soldiers. They encircle the area to be searched and the […]

Urunani CFOR-Arusha rusaba ko haba ibiganiro bidakumira kugira hatorerwe umuti ingorane ziri mu gihugu

Kubw’urwo runani, Uburundi, «nta mutekano burimwo». Abari muri rwo babona ko ari inkwirikizi z’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza. Mw’itangazo basohoye, abagize CFOR-Arusha barasubira kwemeza ko bahagaritswe umutima “n’umutekano muke urushiriza kwibonekeza hose” mu Burundi. Iryo tangazo riragaruka ku bitero vy’imirwi yitwaje ibirwanisho, na canecane igitero giherutse kuba muri komine ya Mabayi mu ntara […]

Bujumbura : Ingingo nshasha zashizweho n’umukuru w’igisagara

Ibiro vy’umkuru w’igisagara vyategetse kwugara ubunywero isaha zitatu z’ijoro. Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yarashize ahabona ingingo zerekeye umutekano zafatiwe mu nama yari ahejeje kugirana n’abajejwe intwaro n’umumutekano. Iyo nama yabaye ku muhingamo wo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 22 Munyonyo. Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yamenyesheje ko ubunywero buzohora bwugurura isaha 11 z’umugoroba, buce bwugara […]