Kubw’urwo runani, Uburundi, «nta mutekano burimwo».
Abari muri rwo babona ko ari inkwirikizi z’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza.
Mw’itangazo basohoye, abagize CFOR-Arusha barasubira kwemeza ko bahagaritswe umutima “n’umutekano muke urushiriza kwibonekeza hose” mu Burundi.
Iryo tangazo riragaruka ku bitero vy’imirwi yitwaje ibirwanisho, na canecane igitero giherutse kuba muri komine ya Mabayi mu ntara ya Cibitoke
Muri iryo tangazo, bavuga ko umuteko muke Uburundi burimwo watumye umukuru w’igisagara ca Bujumbura afata ingingo “z’igihugu kiri mu ntambara”.
Ku bw’abo batavuga rumwe n’ubutegietsi bahurikiye muri CFOR-Arusha, abategetsi baguma bagerageza kwagiriza ivyo bitero igihugu kibanyi, ntibemere ko ari bo bafise uruhara mu magume Uburundi burimwo.
Urwo runani rumenyehsa ko hategerezwa kuba ibiganiro vyihuta kugira ngo hatorerwe umuti urama ingorane ziboheye amaboko i
mugongo igihugu kuva muri Ndamukiza mu 2015.