Mu gitondo co kuri uyu wa mbere, aba polisi bitwaje ibikoho vya rutura muri karitiye Jabe ya mbere , iri muri zone Bwiza, muri komine Mukaza. Icari gitandukanye n’iyindi misi kuri uyu wa mbere abana baja ku mashure barabareka bakarengana ata nkomanzi.
Abapolisi baza baherekejwe n’abasirikare,abo nabo baraheza bakazunguriza ahagomba gusakwa bagaheza abapolisi bakinjira gusaka. Ibironderwa ahanini ni ibirwanisho, kugenzura amakaye yo mu ngo, hamwe n’abantu bashobora kuba bateye amakenga mu ngo. Rimwe na rimwe hari imiryango isabwa gupfumbatisha abapolisi ngo babareke na cane cane basanze ata makaye yo mu miryango bafise. Ku musi wa gatandatu uheze aba polisi bari bagiye gusaka ababikira Bene Mukama bari mw’i Rohero hafi yahasanzwe hari ibiro vy’umukuru w’igisagara ca Bujumbura. Ababikira baratangajwe bongera bagwa mu gahundwe kubera iryo sakwa bakorewe. Abapolisi babasaba no gukura udusambi ngo barabe ko ata birwanisho boba banyegeje.
Abo babikira bavuga ko kuva batari bwigere babona isakwa nkiryo. Aho mbere bavuga ko basa nabavogerewe bagatinya ko umwanya n’umwanya bashobora kugirirwa nabi.