Prezida tshisekedi ashobora kugendera akarere ka Minembwe mu misi iri imbere.

Kuwa gatanu uheze mu nma nshikiranganji yararongoye igira 11, yabereye muri cité de l’union africaine iri i Kinshasa ku murwa mukuru wa Congo. Iyo nama yizwemwo ibibazo vy’umutekano hagati mu gihugu ca Congo no ku mbibe zaco.

Prezida TCHISEKEDI yavuze ko ingingo zose zafashwe kugira hagarukanwe umutekano mu gihugu cose aca asaba ko abo vyega bose boshira mu ngiro ivyo basabwe. Aca avuga ko umutekano muke uri mu Minembwe muri Kivu y’ubumanuko na Beni muri Kivu yo mu buraruko bimuraje ishinga cane. Nayo kubijanye n’urugendo ategekanya gukorera mu Minembwe ngo amatarike azomenyekana hanyuma ariko yasavye abo vyega kumutegurira urwo rugendo.

Naho reta ya Congo ataco yari bwashikiriz ku bwicanyi ahanini bwibasira abo mu bwoko bw’abanyamulenge, Prezida TCHISEKEDI azoba ariwe mukuru w’igihugu wa mbere wa Congo agendeye agace ka Minembwe kuva igihugu ca Congo kironka intahe yo kwikukira.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *