Burundi : Umugambwe CNDDFDD uriko urategura ihonyabwoko ry’abatutsi n’abahutu batavugarumwe

Ivyo vyaraye bishizwe ahabona n’umuhari  Ligue Iteka uharanira agateka ka zina muntu. Mu rwandiko rw’impapuro zibiri, rumenyeshako hari amanama yo gutegura kwica abatutsi hamwe n’abahutu batavuga rumwe na CNDDFDD imbere yuko amatora ya 2020 ababatutsi bakitwa «Mujeri», abahutu nabo bakitwa «ibipinga»

Ligue Iteka  rivugako mu nama z’urutavanako zibera mu ntara ya Karusi, uwitwa Nestor batazira Benurire, umukuru w’imbonerakure mu ntara ya Karusi Nestor Bashingwanubusa alias Irambire, umukuru w’imbonerakure muri komine Buhiga, Phocas Sindaruhuka, umukuru wa zone Buhiga akaba n’umukuru w’umugambwe mur’iyo komine n’abandi benshi nka Remejiyo umutegetsi mukarere k’ubuvuzi ngaho i Buhiga hamwe n’iperereza aribo baba barongoye izo nama. Ayo ma nama ngo kenshi akoreshwa ku mugoroba wok u usi wa gatanu buca ari kuwa gatandatu.

Inyuma yo gukarira imbonerakure mu nama yanyuma iryo shirahamwe rivuga ko yabaye kw’igenekerezo rya 22 munyonyo 2019, imbonerakure zayitavye ngo zahawe ingingo zine zikomakomeye :

Ko hagiye kuba imyiteguro yo kwica abatavuga rumwe na CNDDFDD bose bahereye ku ndongozi, aho bamwe bazofatwa bakaburwa irengero, abandi bakanyuruzwa abandi bicwe imbere yuko amatora ya 2020 aba,

Ko kibujijwe ko hagira umututsi n’umwe amenya ivy’uwo mugambi yaba ari muri CNDDFDD canke uwutarimwo,

Imyimenyerezo ikazoba kumugoroba kandi imbonerakure zikazogenda zihindurirwa ibibanza,

Abahoze ku rugamba muri CNDDFDD bazokwigishwa baheze bafashe imbonerakure kuko zisa n’izananiwe,

Ligue Iteka ibandanya ivugako imbonerakure z’i Makamba zizoduganwa i Karusi mw’ijoro izo I Karusi nazo zijanwe i Makamba gurtyo bikazokworoha kwica « mujeri n’ibipinga » kuko hazogenda harasigara bakeya berekana ingo z’abicwa. Ligue Iteka isaba amakungu gukurikiranira hafi ibiba mu Burundi ntibaze bibuke kuyora bamaze gusesa.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *