Burundi : Imbonerakure zaranse ishirwa mu ngiro ry’urubanza rwaciwe na sentare

Dorothée Niyonkuru, Edmond Ntakiyisumba, Béatrice Niyonizigiye, bose ni abacamanza ba sentare y’intango ya Bururi mu buraruko bw’u Burundi, hamwe na Hyacinthe Havyarimana, umwanditsi muri iyo sentare nyene barakubaguwe n’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD zo ku mutumba Mudahandwa zirongowe n’umukuru wuwo mutumba.

Amakuru ava muri bamwe mu bakora mu gisata c’ubutungane i Bururi, amenyesha ko izo mbonerakure zaje gushigikira umunywanyi w’umugambwe CNDD-FDD wo kuri uwo mutumba Mudahandwa. Uwo nawe ngo yashaka kwanka ingingo yafashwe n’ubutungane akoresheje igikenye. Umwe mu bacamanza yarakubaguwe bidasanzwe arakomereka abandi barabohwa iyo igiplisi kidatabara bari no kugandagurwa. Umukuru w’umutumba yaciye afatwa. Uwo nawe akaba yitwa Marc Bihabwa. Yagirizwa kugumuka no kubuza ishirwa mu ngiro ry’ingingo yo mu butungane. Ivyo bita mu gifaransa entrave judiciaire.

Ababa ku mutumba Mudahandwa baranegura inyifato y’abapolisi baraho batashoboe gutabara abo bacamanza kugeza aho baza gutabarwa n’icegera c’uwurongoye igipolisi mu ntara mu gihe abariko barabakubagura baja bamaze gukura meza.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *