Kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo guheze, hariko haba isakwa ryagizwen’igiporisi kiri kumwe n’igisoda, abantu bashika hafi 150 bo muri kariyiye Nyakabia ya III barahagaritswe baca bajanwe ku kibuga c’ibiro vy’igiporisi mu gisagara ca Bujumbura. Bahamaze imisi bahava bararekurwa batanze amafaranga.
Intahe zitandukanye zivuga ukuntu bagenda barakwa amahera n’abaporisi.
«Umwe wese yatanga amafaranga ibihumbi 50 kugira ngo asohoke. Baradutera ubwoba batubwira ko bashobora kudushira ku rutonde rw’abari mu mirwi irwana», bivugwa na Emery, umusore yarengewe n’ivyamushikiye.
Ku vyavuzwe, n’abanyamahanga benshi bari bafashwe, bararekuwe muri ubwo buryo mugabo bobo bagatanga amafaranga menshi kubarusha.
«Nari mfise uburenganzira bwo kuba mu Burundi, ndabirekurirwa n’amategeko, mugabo baranteye bambariye ko baca banyirukana ntabahaye amafaranga ibihumbi 350 ya twe na mwene wacu. N’abandi vyagendeye uko», bivugwa na Muramba, umukongomani abaye mu Burundi imyaka irenga 10.