Tanzanie n’u Rwanda barashize hamwe igikorwa co kwubaka ibarabara ry’indarayi ry’uburebure bw’ibilometero 400 km

Ama reta y’ibi bihugu u Rwada na Tanzaniya bariko barasozera ibiganiro ingene iryo barabara ryokubakwa. Iryo barabara ry’i  Ndarayi rizohuza ikivuko ca Isaka n’igisagara ca Kigali nkuko vyamenyeshejwe kuri uyu wa gatatu na  prézida wa Tanzaniya, John Magufuli. Mu kiganiro caciye kuri Television yico gihugu. Prezida magufuri yavuze ko iryo barabara rizoba rifise uburebure bwa kilometero amajana ane rizofasha u Rwada, u Burundi hamwe n’igihugu ca Congo iharanira Intwaro Rusangi. Aca anamenyesha ko ivyigwa vyose kugira ico gikorwa kije mu ngiro vyarangiye ariko ko hasigaye kurondera ahazova uburyo kugira vyose bitungane kandi bishirwe mu ngiro.

Twobamenyesha ko i Banki y’Iterambere n’Ubudandanji TDB isanzwe ifasha mu migambi y’ishirahamwe COMESA rihuza ibihugu vyo muri afrika y’ubuseruko niyo mu bumanuko kuzoha ingurane reta ya Tanzaniya ingana  n’umuliyaridi wamadorari ya Amerika kugira hubakwe ibikorwa remezo muri ico gihugu.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *