U Burundi buragabisha amakungu ko budashobora kwihanganira ivyo bita agasomborotso k’u Rwanda

U Burundi buvuga ko “butazosubira kwihanganira agasomborotso k’u Rwanda”. Mw’itangazo ririmwo amajambo akomeye asa n’icavutu, u Burundi busa nuko buriko  buraburira bwongera bugabisha, leta y’u Rwanda kubera ibitero vyisubiriza ruheruka kugaba ku Burundi”.

Umunyamabanga wa leta y’u Burundi akaba n’umuvugizi wayo, Prosper Ntahorwamiye, yavuze ko u Burundi ”buzofata ingingo zikwiye kuko budashobora kwihanganira ivyo bitero. Prosper Ntahorwamiye yavuze ivyo inyuma y’igitero cabaye mw’ijoro ryo kuwa 16 rishira 17 muri uku kwezi kigahitana abantu n’ibintu muri komine Mabayi iri mu ntara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero bw’u Burundi.igitero ingabo z’u Burundi, zamenyesheje ko abateye baturutse mu Rwanda bakanasubirayo.

Yavuzeko Leta y’u Burundi yasavye ubunyamabanga bw’ishirahamwe rihurikiyemwo ibihugu bigize akarere k’ibiyaga binini gutohoza uruhara rw’u Rwanda mu gitero cabaye italiki 10 mu kwezi kw’indwi 2015 muri komine Kabarore mu ntara ya Kayanza. Imigenderanire hagati y’u Rwanda n’u Burundi imeze nabi kuva mu 2015. Ariko ngo iryo shirahamwe ryamenyesheje ko ivyo birego vy’u Burundi ku Rwanda ata fatiro vyari bifise.

Mu gihugu c’u Rwanda hamaze kuba ibitero kenshi vyemengwa n’abayirwanya kandi baza bavuye mu Burundi. Ico gihugu kikaba kivuga ko reta y’u Burundi yoba ariyo icumbikiye abayirwanya bagirizwa gukora ihonyabwoko rykorewe abatutsi mu mwaka 1994.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *