Gitega yagirije icese Kigali kandi ivuga ko izokwihora mu gihe vyosubira 

Mw’itangazo ryasohotse ejo, umuvugizi akaba n’umunyamabanga mukuru wa leta yemeje ko Uburundi bwatewe n’imigwi yavuye mu Rwanda. Nya gitero cabaye mw’ijoro ryo ku wa 16 rishira 17 munyonyo.
Prosper Ntahogwamiye yavuze ko igisirikare c’Urwanda cakoze igitero ku birindiro vy’abasirikare b’Uburundi biri ku musozi Twinyoni ku mutumba Marura, mûri komine ya Mabayi . ‘’Iki gitero ciyongera ku zindi ncuro nyinshi zo kudusotora vyakozwe n’ico gihugu, kandi vyaratewe ivyatsi n’akarere n’amakungu’’, bivugwa mur’iyo tangazo.
Leta y’Uburundi yagiriza Urwanda kwanka ko haba amatohoza ku myimeneyerezo ya gisirikare ivugwa ko ibera ku butaka bw’ico gihugu, no guha ibigwanisho urwaruka rw’abarundi ‘’rwafashwe mpiri mu nkambi ya Mahama’’.
‘’Leta y’Uburundi yaritwaye muri Afurika y’ubuseruko no mu nama y’akarere k’ibiyaga binini, Ubumwe bwa Afurika na ONU kugira tubarege ivyo bintu vyose’’, niko nya tangazo rivuga.
N’aho bitwaye ntibaronke inyishu, leta y’Uburundi ivuga ko hasubiye kuba inzirakarengane mu gitero cahitanye abantu n’ibintu.Ariko itangazo ntiritomora ivyononekaye.
Ntahogwamiye akababazwa n’uko aho bitwaye hose ataco bakoze.
Atagikozwe, avuga ko ‘’ivyo Urwanda rukora ku Burundi bizohungabanya amahoro n’umutekano ku karere’’, kandi yavuze ko “bazohava bikora ku nzego zo kwivuna abansi”.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *