Intahe zishingwa
Inyuma y’imyaka 4, John* yari mu bakoze igitero aribuka : «Twari imigwi ibiri, umwe wo gutora ibigwanisho mu makambi,uwundi wo gukingira uwa mbere. Jewe nari mu bategerezwa kuja gutora ibigwanisho». Abandanya ati : «Twarinjiye turazitora . Dusubiye inyuma ,abasirikare benshi bavuye mw’ikambi Muha baratuzingiye. Bafashijwe n’abandi bo muri ISCAM no mw’ikambi bita para, baciye batangura kuturasa. Abo twarikumwe bagwa hasi nk’isazi», niko uwo musore wo ku Musaga yigana. Ariko avuga ko atazi iyo ayo mategeko yo gutera amakambi yava.
«Mu gatondo ka kare,numvise inkoho zasirana haruhande y’inzu yanje», niko Jeannette yibuka. «Ababanyi barirutse,abana banje babiri barabakurikira. Ariko baciye bahagarikwa n’abantu bambaye impuzu z’igipolisi bakiri hafi y’inzu yanje,barabatwara,ijisho riba iryo», niko avugana agahinda.
Inyuma gato,Jeannette yahahuye amenya ko abana biwe bishwe uwo musi nyene. Kuva ico gihe ,uwo muvyeyi yamana indoto mbi,arazirana abana biwe «Igihe cose ndyamye,ndota mbona abana banje bamvugisha. Nizigiye kuzosubira kubabona», niko yiruhutsa ajumarariwe.
Clovis* nawe ni umusore wo ku Musaga yibuka ico gitondo abura abagenzi biwe «Mu gatondo ka kare narasohotse mbona ibiziga vya Patrick, Abdoul, Aimé na Claude. Sinzopfa ndavyibagiye,kuko ibiziga vyari birambitse hasi. Nguma ndzbibona mu bwenge bwanje,umengo ni amashetani aguma aza mu bwenge bwanje», avyigana nk’uko yoba yabibonye ejo.
Abacitse kw’icumu nka Amandin* w’imyaka 30 iyo yahungiye, yemeza ko abantu benshi bishwe bahagaritswe n’inzego z’umutekano ,abapolisi n’abasirikare.
«Amagenekerezo ya 11 na 12 Kigarama 2015 ni imisi y’umuvumo ku bwanje », niko uyu avuga. «Nari nahungiye ku Musaga, nca mfatirwayo,ntwarwa mw’iperereza. Banyagirije ngo ndi umwe mu bagwanyi. Nahabaye ibintu ntari bwigere nibaza.Nagarukiye aho rwotera izuba . Narasinzikarijwe ubuzima,ku buryo ntoronka amajambo yo kubivuga. Umubiri wanje warahaboneye amabi,numva ndengerwa», bivugwa n’umwe mu biyamirije ikiringo ca Pierre Nkurunziza.
Ku bwo ibitangaza,uyo musore yarashoboye kurokoka ,mu gihe bagenziwe bicwa umwe umwe ku musi . «Akumba twari dufungiwemwo kahinduwe amacuniro y’abantu», niko avuga.
«Twarashika cumi, tukagira imyaka hagati ya 27 na 35,ariko twarokotse turi babiri gusa. Abandi bose bishwe umwe umwe», niko avugana agahinda.
Abaharanira agateka ka muntu harimwo uwurongoye FOCODE, Pacifique Nininahazwe aremeza ko bigoye kuronka ibiharuro vy’abantu bishwe ku magenekerezo ya 11 na 12 kigarama 2015. «Hatanzwe ibiharuro vyinshi.Bamwe bavuga abantu 300 bishwe. Igisirikare cavuze ko cafashe ibintu mu ntoke,kandi ko abantu 12 ari bo bahaguye», niko avuga imbere yo kumenyesha ariko ko mu gitondo haciye hatorwa ibiziga vyinshi mu ma karatiye ya Bujumbura, igisirikare gica cemeza ibiziga 87.
«Ubutungane bubirenzako uruhu rw’amazi»
Nininahazwe avuga ko ari ubwicanyi buteye ubwoba.« Ni ubwicanyi ndengerabutungane,kandi bwahitanye cane cane urwaruka rwo mu ma karatiye yiyamirije cane ikiringo ca Pierre Nkurunziza. Hejuru y’ubwo bwicanyi,hiyongerako ugufata abagore n’abigeme ku nguvu», niko abandanya avuga.
Nininahazwe atanga uburorero bwinshi bw’urwaruka rwahagaritswe,amasanamu yabo akaboneka ku mbuga ngurukanabumenyi,ariko mu nyuma bakaburwa irengero.
FOCODE yarakoze amatohoza mw’isekeza bise « Ndondeza » rirondera abanyurujwe. Avuga ivyashikiye urwaruka rwafashwe inyuma y’igitero kw’ikambi ya Mujejuru i Mugongo-Manga. « Abantu barahagaritswe batwarwa mw’ Ijenda mu gasho k’igipolisi. Baciye basohorwa n’intwazangabo mu gisirikare. Bukeye batowe ibiziga mu Kanyunya (komine ya Mukike)», niko avuga.
Valentin Bagorikunda yari umushikirizamanza mukuru wa republika yavuze ko «abagwanyi 7 bishwe mu buryo atasiguye» aca avuga «inkuru zibiri z’ubutungane ku ntwazangabo imwe mu gipolisi,iyindi mu gisirikare huguruwe amadosiye y’amatohoza». Ntibigeze bavuga ivyavuyemwo.
Ishirahamwe Amnesty International ryari ryaravuze ibinogo rusangi, ariko umushikirizamanza mukuru wa republika arabihakana.
John* yibaza ko ibitero ku makambi vyatumye ico yise « révolution », batagishikako. «Urwaruka rwinshi rumaze gusinzikarizwa ubuzima,rwaravyemanze. Baravuze ahanyegeje inkoho,hamwe n’amazika ya bamwe bamwe mu babiri inyuma,harimwo abapolisi n’abasirikare », niko yigana.
Yemeza ko : «Igisirikare n’igipolisi baciye basugereza zone yacu,batangura gufata umwe umwe. Abatafashwe barahunze,abandi barishikana». Mu kurangiza agira ati: «ata gitangaza kibaye,sinibaza ko hazosubira kuba “révolution” nko mu mwaka wa 2015 ».