Ibiziga bitatu vyatowe mu ruzi Rusizi

Ivyo biziga vyari vyatanguye kuborera ku nkengera za Rusizi vyobonywe ejo inyuma y’umutaga n’ababa ku rya 3, muri zone ya Gasenyi, muri komine Buganda intara ya Cibitoke, mu buraruko bushira uburengero bw’Uburundi
Ababibonye bavuga ko ivyo biziga vyariko ibikomere. Abanyagihugu bategetswe guca babihamba ubwo nyene.
“Badutegetse guhamba ibiziga hatamenyekanye abishe abo bantu”,niko ababa mu Gasenyi bidoga.
“Bugize gatatu duhamba ibiziga.Ntidutahura igituma abajejwe intwaro n’inzego z’umutekano bama badutegeka guhamba abantu ariko ntibatubwire ababishe “, niko bavugana amakenga.
Basaba kuronswa umuco kuri ubwo bwicanyi.
 Emmanuel Bigirimana musitanteri wa komine Buganda ubwiwe aremeza aya makuru.
Avuga ko yatanze itegeko ryo guhamba ibiziga vyariko birabora kugira abanyagihugu ntibandure ingwara,mu kurindira ibiva mu matohoza.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *