Indorerezi zine zifungiwe muri komisariya ya Rumonge

Jean Claude Niyongabo, Jérémie Ndayizigiye na Anitha Ndihokubwayo bose abanywanyi ba CNL na Jean Bosco Bucumi umunywanyi wa Uprona yegereye  reta bafungiwe muri komisariya y’igipolisi ya  Rumonge.
Bagirizwa guhungabanya igikorwa co kwandika abazotora bashasha.
Jean Claude Niyongabo na Jean Bosco Bucumi bahagaritswe igenekerezo rya 10 Kigarama ku mutumba Cashi muri komine Bugarama.
Indongozi za CNL muri ako karere zivuga ko bazira gushira ahabona ubusuma bwabaye kw’iyandikwa ry’abazotora.
Basanze mu gasho Jérémie Ndayizigiye afunzwe kuva kuwa kane w’indwi iheze.
Amasoko yacu avuga ko nawe azira kuvuga ubusuma nk’ubwo nyene. “Jérémie yari indorerezi ya CNL ku mutumba Kagaragara, muri zone ya Buruhukiro muri komine ya Rumonge. Yarashoboye kubona no gushira ahabona ubudasa bw’ibiharuro vy’abanditswe gushika ku mugoroba igenekerezo rya  11/12/2019 no mu gitondo igenekerezo rya 12 kigarama”, niko bavyemeza.
Bongera bâti: ” kuri ivyo biro ,hari abantu batazwi bazanye amakarangamuntu menshi kandi mashasha kwandikisha abantu batahari”.
Uwugira kane afunzwe muri komisariya ya  Rumonge ni umugore. Anitha Ndihokubwayo. Yagirizwa icaha kimwe na batatu ba mbere: guhungabanya igikorwa co kwandika abazoja mu matora.
Mu gipolisi bavuze gusa ko hariko haba amatohoza.”Hamwe ivyo bagirizwa vyofatirwako,bazohanwa n’ibiri mw’itegeko rigenga amatora”, niko isoko ryacu mu gipolisi rivuga.
Iyandikwa rya bashasha bazotora ryatanguye igenekerezo rya 9 gushika 12 Kigarama.
Ico gikorwa cari cerekeye abakwije imyaka yo gutora batari bagiye mu matora y’ibwirizwa nshingiro ryo muri Rusama  2018.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *