N’imiburiburi abantu cumi na babiri bapfuye kubera isegenya yasitaguye imisozi n’amazu mu buraruko bwa Bujumbura mw’ijoro ryakeye. Karatiye za Nyabagere na Uwinterekwa, muri zone ya Kamenge ni zo zabangamiwe cane.
Ibiziga cumi na bibiri nivyo vyakuwe mu bihomoka vy’amazu yabomowe n’imvura y’isegenya yaguye mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana. Abantu barenga mirongo itatu barakomeretse abazimiye nabo ntawuzi irengero ryabo,nk’uko Didace Nibizi, arongoye quartier Nyabagere avuga. “Ibi biharuro ni mfatakibanza. Biragoye kuvuga ivyononekaye vyose”, niko avuga.
Mu bindi vyononekaye hari amazu yasidutse,amabarabara atarengana n’inyubakwa zigeramiwe kubomoka umwanya uwo ari wo wose.
“Nabuze vyose harimwo abana banje barimwo amahasa. Umugabo wanje n’umukozi bose naguweko n’inzu,jewe narokotse kuko nari naraye ku kazi. Ubu rero nta nzu nta n’umuryango nsigaranye. Ubuzima bwanje burandagaye.”niko Angelle umuforoma afise imyaka nka 50 yaririra imbere y’ibibomoka vy’inzu k’Uwinterekwa.
“Uruzi Cari ruca mu gace ko k’ Uwinterekwa na Nyabagere rwaruzuye ruca ruta inzira. Amazi yameneye mu mazu ahitana ivyo ahuye na vyo vyose”, niko uwuhaba avuga.
Umushikiranganji w’umutekano n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura bashitse ahabereye iryo bara.
Umushikiranganji Alain Guillaume Bunyoni yavuze ko ibikorwa vyo gutabara vyatanguye kare. Ati: “Twatanguye gucira inzira uruzi Cari turusubiza mu nzira yarwo”,
Bunyoni yavuze kandi ko hubatswe amahema yo kwakira abo amazu yabomotse.