Abagabo babiri basinzikarijwe ubuzima bafungiwe mu gasho k’igendereza mu Cibitoke haraheze imisi itanu

Abagabo babiri baramaze imisi itanu mu gasho k’igendereza  mu ntara ya Cibitoke. Basinzikarijwe ubuzima n’abakozi b’igendereza.
Amasoko yacu mu gipolisi avuga ko bafatiwe ku mutumba  Ndora,komine  Bukinanyana, intara ya  Cibitoke, (uburaruko bushira uburengero bw’Uburundi) n’uwutwara  igendereza.
Ayo masoko nyene avuga ko bagirizwa gushinga umugwi w’abagwanyi.
“Barakuhiswe bikomeye,nta wurekuriwe kubaha ivyo kurya no kubaraba”, niko umupolisi wo mu Cibitoke yababonye yidoga.
Akaba kubw’iwe yari yifuza ko botwarwa kwa muganga.
Abantu benshi bafise ubwoba ko abo bagabo bashobora kuburwa irengero,bagasaba ko ubutungane bufata ikibazo mu minwe.
Mw’igendereza barahakana aya makuru, bakavuga ko abo bagabo atabo bafise.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *