Abagabo babiri baramaze imisi itanu mu gasho k’igendereza mu ntara ya Cibitoke. Basinzikarijwe ubuzima n’abakozi b’igendereza.
Amasoko yacu mu gipolisi avuga ko bafatiwe ku mutumba Ndora,komine Bukinanyana, intara ya Cibitoke, (uburaruko bushira uburengero bw’Uburundi) n’uwutwara igendereza.
Ayo masoko nyene avuga ko bagirizwa gushinga umugwi w’abagwanyi.
“Barakuhiswe bikomeye,nta wurekuriwe kubaha ivyo kurya no kubaraba”, niko umupolisi wo mu Cibitoke yababonye yidoga.
Akaba kubw’iwe yari yifuza ko botwarwa kwa muganga.
Abantu benshi bafise ubwoba ko abo bagabo bashobora kuburwa irengero,bagasaba ko ubutungane bufata ikibazo mu minwe.
Mw’igendereza barahakana aya makuru, bakavuga ko abo bagabo atabo bafise.