Abanywanyi ba Frodebu na Uprona baridoga kubera agasotoro kagirwa n’Imbonerakure. Abarongoye iyo migambwe basaba abajejwe intwaro n’umutekano guhagurukira ico kibazo.
Ako kamo katewe inyuma y’aho hareye ibikorwa vy’agasomborotso muri ino misi. Kuwa 15 Kigarama, umurima w’itomate w’umunywanyi wa Uprona aba kuri Transversale ya 6 ku musozi Kagazi muri komine Rugombo wararanduwe n’Imbonerakure.
Bukeye bwaho, ishusho y’Umuganwa Rudoviko Rwagasore yarononywe. Muri komine ya Buganda, abanywanyi ba Sahwanya Frodebu baridoga kubera hononywe na ho ishusho ya Mechior Ndadaye, yatanguje uwo mugambwe. Vyabereye ku ngoro y’umugambwe.
«Twaritwaye muri Sentare mugabo ntibatwumvirije», niko abarongoye umugambwe ngaho babivuga.
Abandi bantu bavuga ko Imbonerakure zama zihereje amabarabara zihaya inguvu zazo kugira zitere ubwoba abo batavuga rumwe.
Abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi baratabaza abajejwe intwaro n’ubutungane mu ntumbero yo kwamira akajagari, ubu hegereje amatora yo mu 2020.
Abarongoye CNDD-FDD barahakana ivyo bagirizwa.