Ishirahamwe HCR nayandi mashirahamwe bifashanya baherytse gutanga ibifungurwa vy’ukwezi kwa Nyakanga ku mpunzi z’abarundi bari mw’ikambi ya Mahama kuva itariki zitandatu zuku kwezi kwa Nyakanga.
Abo barundi bavugako ivyo bifungurwa biguma ari bike naho biherutse kwongerezwa. Umukenyezi umwe aba aho mwikambi ya Mahama avugako afise umuryango w’abantu indwi ko kandi ibifungurwa baronka bidashobora kubatunga ukwezi kwose. Avugako aronka ibiro 75.n’amagarama 600 y’ibigori, ibiro 25 n’amagarama 200 y’ibiharage, ibiro 10 n’amagarama 500 vy’ifu y’ubuyi,ilitiro zitandatu n’amamilititiro 300 y’amavuta hamwe n’ikiro namagarama aajana atatu y’umunyu. Umugabo afise umuryango w’abantu umunani avugako bitoroshe gutunga umuryango mu bihe bidasanzwe n’ivyo. Avugako agerageza kua kurondera icorirenza hanze y’ikambi agize Imana akaronka umuceri agatekera abana bakabona kwibuka uko umota. Ikindi kibazo izo mpunzi zifise ni ikibazo c’inkwi zo gutekesha.
Muri HCR bavuga ko badashobora kwongereza ibifungurwa muri kino gihe kuko amafranga yo kubikra atayariho.