Amashirahamwe mva makungu ashika kuri 84 niyo yiyandikishije gushika ku mpera z’umwaka kandi ngo nta yasavye ikiringo kindi kugira yitunganye.

Ayo mashirahamwe niyo yiyandikishije gushasha mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu gushika kw’igenekerezo rya 31 kigarama mu mwaka tuvuyemwo, akaba arico kiringo cari cahawe amashirahamwe kugira ngo abe yiyandikishije gushasha
Umuvugizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Tharcisse NIYONGABO yemeza ko ata mashirahamwe yandi yasavye kwongerwa umwanya kugira ngo yitunganye, uyo akamenyesha ko ayo amashirahamwe yose ategerezwa kwisunga amategeko y’igihugu.
Iryo akaba ar’ itegeko ryatanzwe n’umukuru w’igihugu c’u Burundi.
Nayo ku bijanye n’amashirahamwe yahagaritswe yariko arasaba umubonano kugira ngo yemererwe gusubira ku mirimo, umuvugizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati yavuze ko bavyihweje basanga ata mashirahamwe yarakwiye gusaba ibiganiro mu gihe bafise intumbero yo gushaka guhinduza itegeko ribakorako, kuko iryo tegeko rikomoka ku bwirizwa nshingiro ry’u Burundi ahubwo ngo bari bakwiye kwiga uko bokwisunga amategeko y’igihugu, ngo mugihe batabishoboye, bagatekera utwabo bakagenda.