Havugwa imbonerakure yarashwe n’umupolisi i Matana mu ntara ya Bururi

Elias Ntakarutimana ni ryo zina ryuwo mukuru w’imbonerakure ku mutumba Nyagihotora muri komine Matana mu ntara ya Bururi mu bumanuko bw’u Burundi; yarashwe n’umupolisi arongoye ikirindiro kiri kuri uwo mutumba aca aracikana. Ivyo vyabaye ku mugoroba wa Noel.

Uwamurashe ni igisongerezi mu gipolisi Simon Ndayikengurukiye, akaba yaciye ahagarikwa ubutarariye. Ico gisongerezi c’intwazangabo mu gipolisi akaba yamenyesheje ko mu kurasa iyo mbonerakure yariko arivuna abagomba kumutwara umuheto yahawe n’igihugu. Amenyesha ko yasanze umurwi w’imbonerakure aho ziri zica zibaza ko yoba yaborewe baca bagomba kumwaka inkoho nawe abona kubivuna mu kurasa. Umwe muribo niwe yashikiwe n’amasasu yariko ararasa aca aracikana ubwo nyene. Uwo mupolisi kuva kuri uyu wa gatatu apfungiwe mwibohero ry’i Bururi. Bitegekanijwe ko azoburanishwa mu ntahe y’icese y’ikibiriraho nkuko amakuru ava mu gisata c’ubutungane avyemeza.

Abaraba ibintu n’ibindi bakavugako uwo yafashwe ari bwa butungane buhana bamwe bukareka abandi kuko ngo iyo ivyabaye biba vyakoze n’imbonerakure bose baba abatware mu gipolisi n’intwaro bari kuza bakingira ikibaba imbonerakure.