Leta y’igihugu c’u Burundi ngo igiye kwitwarira ikimenyesha makuru BBC 

Imvo yatumye Leta ifata iyo ngingo ngo ni kubera ireresi ico kinyamakuru giheruka gushir’ahabona. Iyo reresi ikaba ivuga ko har’inzu iri muri zone kinindo mu gisagara ca Bujumbura yahohotewemwo abantu mu myaka ibiri iheze.
Leta y’u Burundi kur’uyu wa kane ikaba yari yashikanye abaserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi mur’ico kibanza iyo nzu iri kugira ngo yerekane ivyavuzwe ko atarivyo.
Iyo reresi yashizwe ahabona ivuga ko har’ibibanza vyinshi bihohoterwamwo abantu, kimwe mu vyerekanwa mur’iyo reresi ni iyo nzu iri muri zone ya kinindo, ibarabara ryitiriwe ntwarante mu gisagara ca Bujumbura. Mur’iyo reresi bongeye berekana amaraso atemba iruhande y’urwo rugo bavuga ko ar ‘amaraso y’abahohoterwa aho umubanyi waho hantu we yemeza ko ayo maraso ar ‘impene yari yarabaze, amaraso yayo ac’aguma atemba.
Umushikiranganji w’ubutungane,Aimée-Laurentine KANYANA yashikirije ko bagiye no gusaba ico kinyamakuru ko cokura kigafuta iyo nkuru aho cayishize hose, kuko iyo reresi ishikiriza ibinyoma. Arongera ati Leta indishi y’akababaro yongere isabe ko iyo nkuru ikurwa aho yarimaze gushirwa