Mu kiganiro yagiranye n’abamenyesha makuru aho yariko yishura ku tubazo tw’abamenyesha makuru hamwe nutw’abanyagihugu cabereye ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi kur’uyu wa gatanu, Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ijambo yashikirije mu minsi iheze ku ngingo yafashe yo kutazosubira kwitoza atazigera ayihindura.
Ku kibazo yabajijwe n’umwe mu bamenyesha makuru c’uko nimba abagumyabanga bomusaba gusubira kwitoza yohava yanka, umukuru w’igihugu c’u Burundi Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko ingingo yo kutitoza yayifashe ku giti ciwe atarinze guhanuza umugambwe kandi atazigera ayihindura.
Arongera ati uretse ko ata mugambwe ufise uburenganzira bwo guhadikiriza umuntu ngo yitoze,naho boza bakirirwa barahamiriza imbere y’inzu iwe umunsi ugahera, ijambo yavuze ntazorivako.
At’ingingo yo kutitoza n’ingingo yafashe kuko azirikana igihugu kandi acipfuriza ineza.
Ku bwiwe ngo yarasenze Imana, yumv’ico ivuga, arimbura igihugu aho akigejeje, araba iyo igihugu cavuye asanga n’iyo ngingo ibereye ku neza, n’iterambere ry’igihugu.