Kur’uyu wa kabiri igihe c’isaha cumi n’imwe z’umuhingamo niho imodoka yo mu bwoko bwa Toyota yatay’ibarabara maze iyo imodoka ihitana abari ku mpande z’ibarabara muri quartier swahili, nkuko ababibonye babishikiriza.
Mur’uyo mwanya haciye hapfa umuntu umwe, uwund’umwe muri batandatu bari banyarukanywe kwa muganga, yahavuye acikanira mu bitaro. OPC2 Melchior Hakizimana arongoye igipolisi mu ntara ya Rumonge aremeza ayo makuru.
Akavuga ko uyo musore yarazwi kw’izina rya Teddy kajambere afise imyaka 18 yariko agendesha uyo muduga ata n’uruhusha rwo gutwara umuduga afise kandi akaba yayisohoye abavyeyi biwe batabizi. Bakaba bahavuye bamwinjiza mu gasho akazohanwa bisunze igitabo mpanavyaha ku caha co kwica atabiteguye nkuko uwurongoye igipolisi abishikiriza.
Akaba yarangije ater’akamo abantu kwikebuka na cane cane mur’ino misi iheza umwaka, ngo ntibagatware imiduga mu gihe akayoga kabashitse.