AMAKURU YIVYABAYE MUNDWI IHEZE

Mundwi iheze,ishengero “New creation Church” rifatanije na “Women Foundation Ministries” irongowe na Apôtre Mignonne Alice Kabera, Umukozi w’Imana akunzwe cane mugihugu c’Urwanda, bari bateguye igikorane gikomeye i Bujumbura ,carahagaritswe.

Ico gikorane bari bacise” Connect Africa 2023″

Umushikiranganji wumutekano n’ intwaro yohagati ,amenyeshako, yari yabahaye ikete ribaha uruhusha avugako ugo ruhusha rwahagaritswe kuberako baciye bongerako ibindi bikorwa batari bamesheje inzego igihe bandika ikete ryogusaba gukora igikorane.

Ivyobikorwa navyo ngo nigutegura gufungurira abantu(soirée de gala), kwinjira basaba 50$; ikindi ngo nuko bari barashizeho ikonte muri banke,abashaka gufasha ico gikorwa boza baracishaho ubufasha; ivyo vyose bikaba bitari bizwi nubushikiranganji

Kubwa Apôtre Mignonne,avugako Satani ariwe yabujije ko icogikorane kiba,kuko uruhusha bari baruhawe, ivyobindi bavuga vyongeweko vyari guhagarikwa,ariko Igikorane nyezina kikaba.

Asaba gusengera cane igihugu c’Uburundi.

Ico abantu bavuga hirya nohino, nuko muri rusangi,habaye agahombo Kanini muvyubutunzi kugihugu c’Uburundi( rentrée Des devises), kuko Hari hatumiwe abantu bava muhingo myinshi Afirika,uburayi,Amerika, abonabo barigufata ama hotels, restaurants,nibindi.

Abandi bati : habonetse n’agahombo kubijanye n’ingenzi, n’ishusho nziza igihugu.

Abandi nabo bati harabaye agahombo kubijanye n’ibohoka ryimitima y’abarundi batari bake bari bavyiteze.

Reka twizere ko ico gikorana kizosubira gutegurwa gifishe n’impusha zose mu misi ir’imbere.